Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umupolisi yafashwe ashaka kwiba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umupolisi yafashwe ashaka kwiba

Umupolisi yafashwe ashaka kwiba

dimanche 13 Nzero 2013

Umupolisi wo ku kirindiro c’i Makamba yarafashwe n’abanyezamu mu ntara ya Gitega mu kigo c’abana b’impfuvyi FVS-Gitega, yashaka kwiba ngaho hantu kuko yari yasimvye urugo yinjira indani. Abanyagihugu barahatswe kumwica iyo Imana idakinga.

Uwo mupolisi yitwa Celestin Sabokwigura. Abanyezamu bamufashe baciye bamubohera ku giti c’amatara. Abantu bahita baguma bamuraba ariko nawe akagerageza kunyegeza mu maso kugira ntibamumenye ko ari umupolisi w’igihugu naho yari atambaye impuzu z’akazi. Abo banyagihugu bashaka kumwica babanje kumukubita.

Nk’uko abanyezamu bo mu kigo c’abana b’impfuvyi FVS i Gitega bamufashe babivuga, ngo uwo mupolisi yari yambaye impuzu zo kwinonora imitsi hanyuma yurira urugo asimbira indani muri ico kigo. Bamubonye ngo yaciye yiruka ariko abanyezamu barashoboye kumufata.

Abajejwe igipolisi n’intwaro ngo nibo bashoboye kumumenya ko ari umupolisi w’igihugu akorera ku kirindiro c’i Makamba. Ngo yari yarataye akazi haraheze ukwezi kwose. Uwo mupolisi wewe arahakana ko atari aje kwiba. Amenyesha ko yari yaje kwivuza aho i Gitega ariko abayoboye igipolisi bamenyesha ko atavyo bari bazi kandi bategerezwa kubimenya. Yaviye ajanwa gufungwa kugira hakorwe amatohoza.

Hussein Butoyi arongoye zone Nyamugari aho uwo mupolisi yafatiwe amenyesha ko ubusuma busigaye ari bwinshi. Ngo hari abaza gusahura abanyagihugu biyita ko ari abakozi bo mu rwego rw’ipererza kandi atari vyo.

Abanyagihugu basaba ko uwufashwe yagirizwa ubusuma yohanwa hisunzwe amategeko kuburyo n’abandi bafise ako gatima baheba.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.