Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Umuririmvyi Bobi Wine yasanze yareze umwana w’uwundi mugabo amwiyitirira
Umuririmvyi Bobi Wine yasanze yareze umwana w’uwundi mugabo amwiyitirira
mercredi 21 Nzero 2015
Umuririmvyi Bobi Wine aguma ahakana ko umwana yavyaranye n’umunyamideri ashobora kuba atari rwiwe, naho adacika intege zo kumurera.
- Bobi Wine
Uwo muririmvyi wo mu gihugu ca Uganda yavyaranye n’umunyamideri Saphina Mutebi, ariko rero uwo muririmvyi ntaremera ko uwo mwana yoba ari uwiwe, ivyo rero bigeze aho Bobi ashaka kugirisha ca gipimo c’amaraso (Test ADN) kugira yicare azi ku mwana ari rwiwe. Imyaka indwi irinze ihera akekeranya kuri uwo mwana.
Yagize ati: “Nahuye n’umukobwa yitwa Saphina Mutebi mu Bwongereza, nta mugore nari mfite maze nkora ikosa rikomeye mu buzima bwanje. Naryamanye n’uyu mukobwa rimwe maze nyuma y’indwi ambwira ko afise inda. Nararyohewe kuko numva ngiye kwakira umuntu mushasha mu muryango wanje.”
Umwana amaze kuvuka bamwise Simon, ariko arakura Bobi yaramenye ko umwana atari rwiwe, icizere c’uko areze imfura yiwe kirahera.
- Bobi n’umuryango wiwe
Yavuze ati : “Kuva Simon yavuka naramwitayeho gushika aho nkora vyose nka se w’umwana”. Bobi rero arindiriye ico abaganga bazovuga kuri Simon hama amenye ko uwo mwana w’umuhungu ari uwiwe canke yabaye umurezi w’umwana w’uwundi mugabo.
Cherif Nkeshimana
Messages
22 Nzero 2015, 08:35, par Iyumenya
Nusanga umwana ar’uwawe uzonezegwe kandi nabwo nyene nusanga uwo mwana atar’uwawe uzonezezwe nuko wamureze agakura ,ubundi SE w’umwana amemywa na Nyina,ariko noneho tegereza ADN ico izerekana
22 Nzero 2015, 09:14, par NIYONGABO JOSEPH
Mbega wibaza hagati y’uwuvyaye umwana ntamutware n’uwumureze atazi ko ari uwiwe, hababara canke hahomba nde?
Abantu bakwiye kunezerwa n’umwana wese bareze kabuvyeyi, kuko hari n’abarondera aho babagura bakababura.
Mbega uwusambanyi n’umuntu atari umugabo wiwe ntasame inda ataniye n’uwusambanye n’umuntu agaca asama inda imbere y’Imana ko iyo biba icaha cakozwe?
Mbe murashobora kwishira mukibanza c’uwo mwana ari muri yo situation amaze guca ubwenge?
Abasambanyi barakwiye kwibaza ibibazo nk’ivyo imbere y’ukorohereza imibiri yabo, kuko quelque pert il doit y avoir un crime contre ce genre d’enfant.
22 Nzero 2015, 10:46, par me
None ntazi ko ba yozefu murezi bariho?ntazoba abaye uwa mbere canke uwa nyuma