Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Kidumu > inkuru > Umuririmvyi Kidumu yasabwe kwibagisha mu muhogo vyihuta
Umuririmvyi Kidumu yasabwe kwibagisha mu muhogo vyihuta
mardi 8 Gitugutu 2013
Umuganga mukuru w’ibitaro vya Kenyatta Hospital, Dr Kioni inyuma yo gusuzuma umuririmvyi Kidumu, yaciye amusaba ko yokwihuta akibagisha imihogo. Uwo muganga akaba yamusavye kuja kwibagisha mu bitaro vyitwa Karen Hospital biri i Nairobi, ku murwa mukuru w’igihugu ca Kenya.
Ku munsi w’ejo, umuririmvyi Kidumu yaragiye kwivuza imihogo arwaye. Yagiye kwivuza ku bitaro vyitwa Kenyatta Hospital aho yakiriwe na Docteur Kioni, umuganga mukuru w’ivyo bitaro biri mu gihugu ca Kenya. Aho Dr Kioni amariye kumusuzuma ndetse hakoreshejwe n’icuma ca « scanner », yaciye amutumirira kwihutira kwibagisha mu mihogo. Dr Kioni akaba yamurungitse kwibagisha ku bitaro vya Karen Hospital biri mu gisagara ca Nairobi, umurwa mukuru w’igihugu ca Kenya.
Nk’uko Kidumu abivuga, imvo yatumye uwo muganga umusaba kwihuta kwibagisha mu mihogo n’uko imihogo y’uwo muririmvyi yasanze isinzikaye. Ivyo bikaba vyavuye ku kuririmba kenshi, mu biteramo no muma karaoke amaze igihe aririmbamwo atakaruhuko gakwiye afashe. Muri kino gihe, umuririmvyi Kidumu, Kibido canke Kibuganizo, akaba ahagaritse ukuririmba mu kiringo atazoba arakira neza.
Kidumu rero akaba asaba abakunzi biwe bose ko bomuterera igisabisho muri kino gihe arwaye. Na cane cane ubu agiye kwibagisha mu mihogo. Nakare ngo « ubuzima ni amazi asaseka ntibayore ».
Joel Sengurebe
Messages
9 Gitugutu 2013, 02:45, par N Paci
Imana imurinde,turi kumwe
5 Nzero 2017, 20:25, par NIYIKIGONGWE VINCENT
NANJE NDAMUSABIYE KURAMBA NKISIMA RYAKERA YESU AMUZIGAME MU VYAKORA VYOSE ARWARE AKIRA OK
5 Nzero 2017, 20:32, par NIYIKIGONGWE VINCENT
NONE? NTAMITENDE ARATORA? UT;YESU ABAZIGAME MUKWIHANGANA KWIWE YAGIZE OK UMUGOROBA MWIZA
28 Ntwarante 2018, 22:06, par MUMUNEZERO THIERRY
Andika hano
ABAMWIYUMVIRIYE NINYANKA BURUNDI KUK HAKWIYE GUKORA ITOHOZA RIKOMEYE