IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rwanda : Umuririmvyi Kizito Mihigo n’abandi biyemereye gukorana n’imirwi (...)

Rwanda : Umuririmvyi Kizito Mihigo n’abandi biyemereye gukorana n’imirwi y’iterabwoba

mardi 15 Ndamukiza 2014

Umuririmvyi Kizito yaraye ahagaritswe n’abajejwe umutekano bo mu gihugu c’Urwanda n’abandi bagabo babiri n’umugore, bagirizwa guhungabanya umutekano no gukorana n’imirwi y’iterabwoba nk’umuhari wa FDLR hamwe n’umugambwe RNC utavuga rumwe na Reta, bemeye icaha bagirizwa.

Mu kiganiro catanzwe imbere y’abamenyeshamakuru, abajejwe umutekano n’abo bagabo bari bafashwe ejo, umuririmvyi Kizito Mihigo, Cassien Ntamuhanga na Jean Paul Dukuzumuremyi bemeyeko bakora n’imirwi iri hanze y’igihugu ishaka kurwanya ubutegetsi bw’i Kigali ariyo FDLR na Rwanda National Congress(RNC).

Inyamiramabi irongoye igisata c’itohoza, yamenyesheje ko abo bagabo bemeye ko bashaka guhora uwitwa Patrick Karegeya aherutse kugandagurirwa mu gihugu ca Afrika y’Epfo. Mu kumuhora bashaka kwica umwe mu bategetsi wo muri Reta.

Ku caha inyamiramabi yagirije umuririmvyi Kizito Mihigo ntiyagihakanye, muri ico kiganiro nyene yiyemereye ko akorana n’umuhari wa FDLR na RNC, ko yanabikorana n’umuririmvyi akaba n’umumenyeshamakuru Niyomugabo Gerard yabuze irengero. Kizito yarajejwe kwigisha no kurondera abinjira muri FDLR na RNC.

Jean Paul Dukuzumuremyi nawe yagirizwa ibitero vy’itera bwoba vya FDLR na RNC n’amafaranga ya mbere yari yaramaze kuyakira. Uwo yabandanije avugako yakora n’abo mu murwi FDLR bari mu gihugu ca Uganda, wewe yarafise akazi ko gutera ama "Grenade" mu gisagara ca Kigali mu kwezi kwa gatatu ariko bikamwanka mu nda.

Eka harafashwe n’uwundi yitwa Nibizi Agnes na we yarajejwe kwakira amahera yo guhemba abazoba bakoze ubwo bubisha bemeye.


Chérif Nkeshimana

Messages

  • iyi ni inkinamico,puuu!!!!!!!!!!

  • Muri make,nobamenyesha yukw’atabo bakorana UMUHIMA N’UMWE kw’isi yose
    irementanya ntiriri hake!emwe Imana n’Igarukir’Isi yose kuko ubundi irahanzwe basi ibiri mu BAHIMA bo murwababyaye birarenze.

  • Imana ibarenganure mwenizinkinamico turazimenyereye bavuga iburundi wacu ivyirwandavyo birarenze.

  • ntakuru z’amanyanga ya paulo kagame dukeneye ku muhora wacu"IGIHE"

  • Uwo mwansi wofata bukeye ata matohoza akwiye ngo akwereke abandi bakorana aho bari akacasimbira kuri radio kwiyamamura wamubonye he?aho bashaka abo bagata muri opposition nuzoba mu mbwira

  • Nta kizito iyo mfura abogamye. Imana imurenganure we ! Ntimumwanduranye, ategerezwa kubaho nfo asingize Nyagasani we ! Ntimujurajure !

  • Ba nduwimana sibake yarajabutse nomubavukanyi bacu iRWANDA?Turagowe ariko ntaco mungu ariho aratubona.

  • ngibyo ibyo murwanda ,,,, guhimba ibyaha ni abambere. KAGAME UBU YAHAZE AMARASO YABAHUTU UBU NGO AGOMBA KUNYWA NAMARASO YABATUTSI AKUMVA UBURYOHE BWAYO....

  • uyumuririmvyi KIZITO harihahantu yariko arabazwa nabamenyeshamakuru nawe agerageza kuvugako azofatumwanya ukwiye wokuganira nabo arikomumajambomake yashoboye kuvuga harimwoko yibanzekukuvugako abantu bakwiye gukunda arikomukanyagato hariho uwamubajije ngo vugurupfu agomba yishure aba polisi bacabaramusunagura bamwereka izira yokumutwara iyobamutwara aboshe nama pingu naciye nibuka ukuntu aririmba incangira ikigumbagumba kubwakarenganyo gakorerwa ngaha musiyijuru iconamubonyemwo nuko aziko abategetsi bigihuguciwe abobamazekwica aribeshi kandi atabasumvya ubuhangange ivyovyabonekeye ahoyavugako yavuganye numwe mubatavugarumwe na reta yu rwanda kuri whachaup aravugango twaravuganyevyishi ngobitumatuvugana nibintubibi, turetserero KIZITO ahakw’Isi umuntavyutse rirenga avuze ibintubibi bidaharurika, nicogituma abarikobarajuragiza KIZITO hazogeraho nabo bijuragiza nabonyene ubwabo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.