Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urukurikirane "Surprise" rwagiye ku mugaragaro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Urukurikirane "Surprise" rwagiye ku mugaragaro

Urukurikirane "Surprise" rwagiye ku mugaragaro

lundi 14 Ndamukiza 2014

Urukurikirane rwa mbere rw’umuririmvyi Mac Daddy rwagiye ahabona inyuma y’igihe kitari gito indirimbo zirugize ziriko zirategurwa. "Surprise" izina yatoreye urwo rukwirikirane rugizwe n’indirimbo 10 zose zakozwe n’abahinyanyuzi bo mu Burundi.

Kuva muri Ruheshi umwaka w’2013, umuririmvyi azwi kw’izina rya Mac Dizzo yariko akora akazi kiwe k’umuziki. Akora indirimbo yegeranya, zirateba zirakwira. Ico yarondera : gukora urukwirikirane (Album). Urwo rukwirikirane "Suprise" rusangiye izina imwe mu ndirimbo 10 zirugize. Zimwe mu ndirimbo zigize urwo rukurikirane ni nka"Usishangae" ifise n’amasanamu (Video), "Amka", "Happy Birth Day", "Under Eighteen", "Lafiki Mnafiki" n’izindi. Izo ndirimbo zakozwe n’abahinyanyuzi batandukanye, kandi zimwe yazikoranye n’abandi baririmvyi nka R Flow, Pasy Lee azwi mu ruririmbo "Kizunguzungu", T-Max bakoranye "Amka" n’abandi, bimwe bita "Featuring".

Tumubajije igituma urwo rukurikirane yarwise "Surprise", Ndayisenga Ramadhani ari we Mac Dizzo yishura ati : "Kubera namaze igihe ndiko nkorera i Lubumbashi, benshi bibaza ko nahevye umuziki, ngarutse mu muziki ni benshi bitangaza, barwa igihumura. Rero ni agaseke nabateguriye batari biteze bisigura ko ari "Surprise".

Umviriza ururirimbo "Surprise" Mac Dizzo yaririmbanye na Ric Dogg


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.