Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuririmvyi Saidi Brazza yajanywe mu kigo ngororamuco i Iwawa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umuririmvyi Saidi Brazza yajanywe mu kigo ngororamuco i Iwawa

Umuririmvyi Saidi Brazza yajanywe mu kigo ngororamuco i Iwawa

vendredi 17 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Umuririmvyi Saidi Brazza yamenyekanye mu Burundi mu mudiho wa Reggae, ari mu murwi w’urwaruka ruriko rukurikirana inyigisho mu kigo ngororamuco ca Iwawa kiri mu Karere ka Rutsiro.

Yavukiye mu Rwanda i Huye, mu nyuma umuryango wiwe werekeza mu Burundi mu mwaka w’1959 ari naho se na nyina bapfiriye . Azwi cane mu ndirimbo zamenyekanye mu karere nka Yameze amenyo, Twiganirira, Kugazaka n’izindi akaba amaze mu muziki imyaka 25.

Saidi Brazza yatahutse mu Rwanda kuwa 11 Ntwarante 2014, ico gihe akaba yabwiye IGIHE ko agiye gukomereza ibikorwa vy’umuziki mu Rwanda.
Yari yiyemeje ko agiye gukorera umuziki mu Rwanda, ariko inyuma y’igihe gito akaba yaciye ajanwa mu kigo ngororamuco.

Yari yagize ati “Ubu umuziki wanje ngiye kuwukorera Abanyarwanda, ubutumwa ntanga butange umusaruro ku gihugu cacu, bwiyamirize uwodusubiza inyuma, abashaka kudusubiza inyuma sinzobihanganira. Nico umuririmvyi amaze, kuvugira abanyagihugu. Mu myaka 25 iheze ndirimba nakorera umuziki mu mahanga ariko guhera ubu ndi mu Rwanda .”

Mu mwaka wa 2015, Saidi Brazza yajanywe i Iwawa, ubu ahamaze amezi agera ku munani. Ni umwe mu bari mu murwi w’abiteguriye gusozera ivyigwa bitangirwa muri ico kigo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.