Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Umuririmvyi Sat B yateye intambwe
Umuririmvyi Sat B yateye intambwe
mercredi 9 Nzero 2013
Ku mugoroba wo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 8 Nzero 2013,umuririmvyi w’umurundi Sat B yarinjiye mu murwi Wise Men urongowe n’umuhinyanyuzi rurangiranwa Washington wo mu gisagara ca Kampala.
Umuririmvyi w’umurundi Sat B yarinjiye mu murwi Wise Men urongowe n’umuhinyanyuzi Washington wo mu gisagara ca Kampala mu gihugu c’u Buganda.Muri uwo murwi Sat B asanzeyo abandi baririmvyi barurangiranwa bo mu karere ka Afrika y’ubuseruko harimwo Kitoko,Urban Boys,Bolo na Washington asanzwe anawurongoye.
Sat B rero akaba yashitse muri uwo murwi inyuma y’aho asohoreye indirimbo yiwe ya kabiri yitwa Tanganyika Girl abifashijwemwo na Washington ikaba itabwa mu mudiho wo mu gihugu ca Nigeria ikaba izojamwo Bolo na Washington. Kubera iyo ndirimbo nyene umuhinyanyuzi Washington avuga ko ariho yaboneye ko Sat B akwiye kuba umuririmvyi wo mu karere ka Afrika y’ubuseruko.
Ku bijanye n’uko Sat B yoba agomba gukorana n’abaririmvyi Weasle na Radio,ngo aracarindiriye.Sat B akaba avuga ko ubu umuntu ashobora kumwita «East African Man».
Mugisha Van Naris
Messages
28 Ntwarante 2014, 01:38, par Rachid ndayikeza
Ico niyumvira nuk bomufata mu mugongo eka bagasha n’abandi basani kugira umuzik w’iburundi utere imbere nkaba ndamukej can kuntambwe agezeko!Imana imuhezagire.