Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Umuririmvyi wo murwi "TMK Wanaume Family" yitavy’Imana
Umuririmvyi wo murwi "TMK Wanaume Family" yitavy’Imana
jeudi 23 Gitugutu 2014
Yessaya Ambikile azwi kw’izina rya YP yahora mu murwi TMK Wanaume Family" umurwi w’abaririmvyi bo muri Tanzaniya yaritavye Imana.
- YP yitavye Imana
YP yaramaranye igihe indwara yo mu gikiriza. Iyo ndwara yaramukomereye cane muri izo ndwi zibiri ziheze ari na ko kwitaba Imana mw’ijoro ryo kw’igenekerezo rya 20 Gitugutu mu bitalo vy’i Temeke aho muri Tanzaniya nyene. Said Fela, afasha umurwi wa TMK avuga ko utakaje umuririmvyi akomeye yafashije cane mw’iterambere ry’umuziki cane cane umudiho wa HipHop muri Tanzaniya yose.
Tubibutse ko umurwi wa TMK Wanaume Family uririmba mu mudiho wa HipHop wamenyekanye kubera indirimbo nka Dar Mpaka Moro, Kichwa Kinauma, Twende Zetu n’izindi.
Umviriza kandi ururirimbo rwakunzwe na benshi "Dar Mpaka Moro"
Cherif Nkeshimana
Messages
24 Gitugutu 2014, 16:47, par Ndikumana Elie "Roi de Terre"
MANA umuririmvyi mwakire!jew nalamukunz ndetse nalakina ama theatre hageze nalakina ivyotwita playback nasubiramwo kuryakwiwe pe!ak:nkoku indirimbo yitwa twenze.Humura twese niyo ninzi.mugabo yalatubereye umuhinga.Ndamushiye,mpumuriza abobagendanye