Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Alida Baranyizigiye yashize ahabona urukwirikirane rw’indirimbo ziwe za (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Alida Baranyizigiye yashize ahabona urukwirikirane rw’indirimbo ziwe za (...)

Alida Baranyizigiye yashize ahabona urukwirikirane rw’indirimbo ziwe za mbere

vendredi 6 Ruheshi 2014

Urukwirikirane rw’indirimbo 10 z’umuririmvyi Alida Baranyizigiye zagiye ahabona. Integuro yarwo yafashe imyaka 3, kandi zimwe mu ndirimbo ntizakorewe mu Burundi. Alida ntiyorohewe muri iyo myaka. Igiteramo co gushira ahabona urwo rukwirikirane nticimirije kuko gisaba uburyo bwinshi, ariko kizoba, nk’uko abishikiriza.

Umuririmvyikazi Alida Baranyizigiye yashize ahabona amasanamu y’indirimbo ziwe 10 ziri mu rukwirikirane yise "Mama Land". Kuva mu nteguro gushika ruje ahabona, vyafashe imyaka 3. Guteba haraho kwava ku bahinyanyuzi vyashika bagakora ururirimbo uko atabishaka bigasaba gusubiramwo, canke umuhinyanyuzi agafata urugendo. Alida Baranyizigiye ntarabona neza aho azogirira igiteramo co gushira ku mugaragaro urwo rukwirikirane, kuko igiteramo gisaba uburyo n’umwanya, ariko akamenyesha ko kizoba.

Alida Baranyizigiye, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, yavuze ko zimwe mu ndirimbo zakorewe mu Burundi n’abahinyanyuzi Amiri Pro wo muri Afro Music na Bashir Dia akorera muri Tanganyika Studio. Izindi zakorewe mu Buganda n’umuhinyanyuzi Washington. Mu Rwanda naho yakoranye na Pastor P. Ururirimbo "Mama Land" nirwo yitiriye urukwirikirane rw’indirimbo 10, insiguro atanga ni uko rwamushitse ku nyota.

Umviriza ururirimbo "Mama land"


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.