Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Natacha NGENDABANKA > Inkuru > Umuririmvyi Natacha yatsindiye SICA
Umuririmvyi Natacha yatsindiye SICA
mardi 25 Munyonyo 2014
Umuririmvyikazi Natacha NGENDABANKA yashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura atahukanye agashimwe gahambaye yakuye mw’ihiganwa rya SICA( Star de l’Integration et de la Culture Africaine).
Mu mahiganwa ya SICA umwaka w’i 2014, umuririmvyikazi Natacha yajanye na Member arongoye ishirahamwe ry’abaririmvyi hamwe na Alain Nova umumenyeshamakuru. Natacha yahiganishijwe ururirimbo "UBURUNDI BWACU". Nk’uko bivugwa na Member, inyuma yo gutanga ubundi bushimwe busanzwe, abaserukira ibihugu 11 vyari mw’ihiganwa bari biteze iyo agashimwe ka mbere ka SICA gataha.
Bamaze gutangaza ko UBURUNDI buronse agashimwe k’indirimbo ya mbere ikozwe mu buhinga ndagakaranga n’umudiho ugezweho (Tradi Moderne) kubera ururirimbo"UBURUNDI BWACU", bose baguye mu gahundwe k’umunezero. Natacha muri SICA yabonetse k’uwuhagarariye igihugu c’UBURUNDI kuko no mu gutanga agashimwe bavuga ko UBURUNDI bubaye ubwa mbere.
Eka na Alfredo arongoye Club du Lac Tanganyika yarahawe agashimwe k’umuntu yitangira cane ibijanye n’imico kama. Uwo yaciye avana iciyumviro c’uko SICA yobera mu Burundi mu mwaka w’i 2015 narirya Uburundi bumaze gutsindira ubushimwe 4 mu myaka 10 ihiganwa rimaze ritanguye. Christian Nsavye nk’umumenyeshamakuru amaze kwitaba iryo higanwa, abona ko SICA ishobora kubera mu Burundi mu gihe, Reta yobishiramwo ugushaka kuko aho muri Benin, Reta ishiramwo ibice 30% vy’amahera Reta itegekanya gukoresha (Budget Annuel), eka abanyamitahe n’abandi bose bagiye hamwe ntacobura ko SICA ishoboka mu Burundi mu mwaka w’i 2015.
Member ahamagarira abaririmvyi kwitaho cane imiziki ikozwe mu midiho kavukire bashatse bakavanga n’imidiho bashatse, ati:"Nta muririmvyi w’umurundi azovuza Rap, RnB, canke HipHop gusumvya umunyamerika, bomenyera gukora indirimbo zija mw’ihiganwa, nayo amahiganwa menshi ahitamwo abaririmvyi ndangakaranga canke bavanga ariko hakumvikana iyo umuririmvyi aturuka ico yise "Identite culturelle".
Mwomenya ko Natacha yakiriwe na bamwe bategetsi bo mu bushiranganji inkino n’imico kama, abamenyeshamakuru n’abaririmvyi nabo bakaba bazunguruka igisagara bigina iyo ntsinzi.
Raba aha munsi uko ibirori vy’ugutanga ubushimwe bwa SICA 2014 vyagenze
1)
Umviriza ururirimbo "Uburundi Bwacu" urabe n’isanamu yarwo yatumye Natacha aba uwa mbere
Cherif Nkeshimana
Messages
26 Munyonyo 2014, 09:44, par SEMUSWI SALVATOR
twumva amakuru menshi ataryoshe mu Burundi. ariko twizere IMANA . Intsinzi ya NATACHA ni consolation ku BURUNDI bwacu n’ABARUNDI. kandi turafise n’izindi ntwari ziguma ziduteturura.
12 Ruhuhuma 2016, 15:28, par Niyonizeye Nestor Habute A karusi
Natacha Natere Imbere Nkumuzinga Kuko Ashira Imbere Akaranga Kigihugu Cacu Ico Ndamusavye Anyangaje Nanje Mbe Umudereva Ndamujana Mwiyo Mirimo Dukorere Igihugu Natwe Tuve Mugashomeri.