Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuririmvyikazi SHAA ahejeje gushika ku bw’isabukuru ry’umunsi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Umuririmvyikazi SHAA ahejeje gushika ku bw’isabukuru ry’umunsi (...)

Umuririmvyikazi SHAA ahejeje gushika ku bw’isabukuru ry’umunsi w’abakenyezi

samedi 7 Ntwarante 2015

Umuririmvyikazi wo mu gihugu Tanzaniya yamutiwe mw’isabukuru ry’umunsi mukuru wahariwe abakenyezi ahejeje gushika ku kibuga c’indege ca Bujumbura. Azananye n’umuhinyanyuzi Master J avuga ko aje gusuma ubwenge mu Burundi.

JPEG - 42.5 ko
Shaa ashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura

Shaa ati:" Tuje kubereka uko natwe dukora umuziki muri Tanzaniya". Abwira Natacha ko awe azomujana muri Tanzaniya nk’uko nawe amutumiye mu Burundi narirya ari ubwa mbere aje mu Burundi. Shaa avuga kandi ko mu buzima ari gufashanya, guhanahana ubumenyi. Shaa yazananye n’umuhinyanyuzi waho muri Tanzaniya basanzwe bakorana Master J. Uwo nawe avuga ko aje kurahura ubwenge mu Burundi yongere arabe n’ukuntu yokorana n’Abarundi.

Natacha ari nawe yateguye iyo avugako kubona umuririmvyikazi Shaa ashitse ko ari intambwe ya mbere y’isabukuru. Natacha aremera ko batari bazinanye ariko asanzwe amukunda ari naco catumye amutumako. Shaa, Natacha, Edwige, Cynthian, Emelance na Chany Queen ni bo bazoremesha isabukuru

Natacha ahamagarira abakenyezi bose kwitaba igiteramo co kuri uwo w’Imana igenekerezo rya 08 Ntwarante kuva igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba kuri Hotel Club du Lac Tanganyika.

Umviriza ururirimbo "Sugua Gaga" rwa SHAA wo muri Tanzaniya


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.