Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurundi mw’igerageza ry’isabuni yirukana imibu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Umurundi mw’igerageza ry’isabuni yirukana imibu

Umurundi mw’igerageza ry’isabuni yirukana imibu

jeudi 25 Ndamukiza 2013

Umurundi Gerard Niyondiko n’umunya Burkina Faso Moctar Dembele, begukanye agashimwe kubera gukora isanubi yirukana imibu itera malariya.

Abo banyeshure ba kaminuza bageze mu wa mbere wa Masters, bategekanya kubandanya umugambi wabo bagakwiza iyo sabuni ku masoko yose.
Bipfuza ko iyo sabune niyamara gushirwa ku masoko izoba ifise igiciro kitarenze ic’amasabune asanzwe abantu b’uburyo bubayabaye basanzwe bagura.
Uyo mugambi wabo washimwe ko ari uwa mbere mu migambi ifise akamaro kanini kurusha iyindi ku banyagihugu canke ku bidukikije.

Mu bikoresho bihungurwamwo iyo sabuni yirukana imibu harimwo "beurre de karite", isanzwe ikoreshwa mu masabuni n’amavuta yo kwisiga.

Mu bushakashatsi bwabo, bashiramwo n’ibindi bihingurwa mu biterwa bifise ububasha bwo kwirukana imibu,Ububasha bazoha iyo sabune buzotuma akamoto kayo kirukana imibu gushika amasaha atandatu ku mubiri, iyo umuntu ayikoresheje mu kwoga.

Gerard Niyondiko na Moctar Bembele, bategura ko mu mpera z’umwaka uza bazoba bashinze uruganda rwabo rukora rugakwiragiza iyo sabune idasanzwe.

Baravye ibikoresho bayihinguramwo, baremeza ko izoba ifise igiciro nk’ico izindi sabuni zisanzwe ziri ku masoko abantu bakoresha buri munsi.

Twobamenyesha ko muri Burkina Faso, igurwa 300 CFA.


Jean de Dieu Munyembabazi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.