Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurundi Saido Berahino yatumweko mu murwi nserukiragihugu w’Ubwongereza
Umurundi Saido Berahino yatumweko mu murwi nserukiragihugu w’Ubwongereza
vendredi 7 Munyonyo 2014
Umukinyi w’umurundi Saido Berahino asanzwe akinira umurwi wa West Bromwich Albion wo mu gihugu c’Ubwongereza, yatumweko ubwa mbere mu murwi nserukiragihugu w’Ubwongereza. Icizere abajejwe umupira w’amaguru mu Burundi bari bafise ko azohava akinira umurwi w’Intamba mu rugamba kibaye impfagusa.
Saido Berahino yatumweko ku rutonde rw’abakinyi bagiye gutegura inkino zibiri igihugu c’Ubwongereza kizokina, mu guhiganirwa uburenganzira bwo kuja mu nkino z’igikombe ca buraya zizobera mu gihugu c’Ubufaransa mu mwaka w’2016.
- Saido Berahino yari amaze gukinira umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza w’abatarenza imyaka 21
Urukino rwa mbere Saido Berahino yatumiweko gukina ruzohuza igihugu c’Ubwongereza na Slovenia. Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza, Roy Hodgson, yasiguye ko gutumako umurundi Saido Berahino yabitumwe n’ukuntu uwo mukinyi asigaye yigenza neza, yaba mu murwi wa West Bromwich Albion, canke mu murwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 21 yari asanzwe amaze gukinira. Tubamenyeshe ko mw’ihiganwa ry’Ubwongereza ryo mu cicaro ca mbere, umukinyi w’umurundi Saido Berahino afise ibitsindo cumi mu nkino cumi nyene. Abakinyi b’abasatirizi (attaquants) batumweko mu murwi nserukiragihugu w’Ubwongereza ni Rickie Lambert (Liverpool), Wayne Rooney (Man United), Daniel Welbeck (Arsenal), Saido Berahino (West Bromwich Albion).
Saido Berahino w’imyaka 21 yashitse mu Bwongereza mu mwaka w’2004, ahunze intambara yari mu Burundi. Yajanye na nyima wiwe, hamwe n’abandi bana babiri bavukana. Agishika mu Bwongereza, yahawe ubuhungiro mu gisagara ca Birmingham, ari naco gituma yakuze yimenyereza mu murwi wa West Bromwich wo muri ico gisagara, ari naho yahavuye atera umukono ku masezerano y’imyaka ine akinira uwo murwi.
- Saido Berahino n’umuryango wiwe bashitse mu Bwongereza bahunga intambara yari mu Burundi
Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, Reverien Ndikuriyo, agarutse ava mu rugendo yaheruka kugira mu gihugu c’Ubwongereza, yari yijeje abakunzi b’umupira w’amaguru mu Burundi ko umukinyi Saido Berahino ashobora kuzokwemera gukinira umurwi nserukiragihugu w’Uburundi, ariko mukaba mwumva ko bitagishobotse.
- ibiganiro Reverien Ndikuriyo (i buryo) yari yatanguje vyo gusaba Saido Berahino ko yokinira igihugu c’amavukiro yiwe, vyabaye impfagusa
Abakinyi 26 batumweko n’umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza
Abanyezamu ni batatu : Fraser Forster (Southampton), Ben Foster (West Bromwich Albion), Joe Hart (Manchester City).
Abakinyi b’inyuma ni umunani : Leighton Baines (Everton), Gary Cahill (Chelsea), Calum Chambers (Arsenal), Nathaniel Clyne (Southampton), Kieran Gibbs (Arsenal), Phil Jagielka (Everton), Luke Shaw (Manchester United), Chris Smalling (Manchester United)
Abakinyi bo hagati ni cumi n’umwe : Ross Barkley (Everton), Michael Carrick (Manchester United), Stewart Downing (West Ham United), Jordan Henderson (Liverpool), Adam Lallana (Liverpool), James Milner (Manchester City), Alex Oxlade-Chamberlain (Arsenal), Raheem Sterling (Liverpool), Andros Townsend (Tottenham), Jack Wilshere (Arsenal), Theo Walcott (Arsenal)
Abasatirizi ni bane : Rickie Lambert (Liverpool), Wayne Rooney (Manchester United), Danny Welbeck (Arsenal), Saido Berahino (West Bromwich Albion ).
Egide Nduwimana
Messages
7 Munyonyo 2014, 15:36, par ciza
ABARUNDI NDABONA ARI TEKA NTANGERE DUTEWE NUWO BWIBARUTSE
UMUKAMA AMUZIGAME ABANDANYE KURONGERA IBITSINDO MW,IGORI
7 Munyonyo 2014, 17:48, par jiriberi
nimunyaratse.mumugarukane
7 Munyonyo 2014, 19:28, par gahimbare
abarundi ko badusize??
7 Munyonyo 2014, 20:03, par nsh.lin rutunga
nitekarini kubona umurundi atera intabwenkiyo.
7 Munyonyo 2014, 20:05, par nsh.lin rutunga
nitekarinini kubona umurundi atera intabwenkiyo.natwe muradusenge kugeratuhasike.
8 Munyonyo 2014, 06:11, par levis abdallaha
Niteka rikomeye kubona umurundi atera intabwe ikomeye nkawe
12 Munyonyo 2014, 14:53, par NTAHOMVUKIYE Privat
nta kundi tuzoronka abadi barusha we nta woca yihebura
19 Munyonyo 2014, 16:26, par MANIRAHO
Niteka nivyo! Ariko ryari kuba iteka gusumba iyo atera iyo ntambwe bishobokako Umurwi serukira gihugu w’Uburundi ushobora kumwikorako! Ikindi naco Saido birabonekako yagiye akiri muto ataribwakinire umurwi wino numwe! Arinaco gituma atigeze amenyekana ngo bamutumeko nkuko twari tumenyereyeko batumako abandi.Ikibazo nibaza,hari harabuze n’umuntu numwe amenya ivyiwe muvyerekeye inkino? Canke bari babizi mugabo kumutumako bikagorana! Ubu rero ubwene gihugu bwiwe n’Umwongereza! Twikebuke! Hariho ukutitaho inkino n’abakinyi bidashemeye! Murabonako icizere ca Saido co gukinira Intamba giheze
munzirra.