Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umurwayi wa mbere wa Ebola muri Reta zunze ubumwe za Amerika
Umurwayi wa mbere wa Ebola muri Reta zunze ubumwe za Amerika
mercredi 1er Gitugutu 2014
Abategetsi bo muri Amerika bashikirije mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, ko umugabo yanduye umugera Ebola ari mu bitaro vy’i Texas. Uwo murwayi yashitse mu ndwi iheze muri Reta zunze ubumwe za Amerika n’indege iva muri Liberia, kimwe mu bihugu bibangamiwe n’ico kiza.
Inyuma yo kwiha inkumbi muri Afrika y’Uburengero, umugera wa Ebola watandukiriye Amerika y’Uburaruko. Uwo murwayi ari mu bitaro vy’i Texas, batavuze amamuko yiwe, abaye uwa mbere atowe ko arwaye Ebola muri Reta zunze ubumwe za Amerika, abaye kandi n’uwa mbere ayirwaye atari ku butaka bwa Afrika.
Ikigo kijejwe gusuzuma no gukinga indwara muri Amerika (Centre américain de contrôle et de prévention des maladies) camenyesheje ko uwo murwayi yagize urugendo mu gihugu ca Liberia imbere yo kuja i Texas, yaje n’indege kw’igenekerezo rya 20 Nyakanga ata kimenyetso na kimwe agaragaza, atangura kwumva arwaye kw’igenekerezo rya 24 Nyakanga. Yarituye umuganga inyuma y’imisi ibiri, uwo murwayi aca ajanwa kuvurirwa mu bitaro vy’i Dallas kuva kw’igenekerezo rya 28, aho yashizwe ahiherereye. Ukuba yaranduye umugera wa Ebola vyemejwe n’ibipimo biva mu bigo bibiri.
Umuganga Tom Frieden, umuvugizi w’ikigo kijejwe gusuzuma no gukinga indwara muri Amerika, arahumuriza abantu avuga ko abari kumwe nawe mu ndege yamuzana i Texas atabanduje, kuko ata kimenyetso na kimwe yagaragaza, akamenyesha kandi ko uwo murwayi yaje Texas kuramutsa umuryango.
Ashimikira ko umugera wa Ebola utandukira biciye mu muyaga nk’inkorora, ariko wandukira iyo amaraso, amate n’ibindi biva mu mubiri w’uwamaze kwandura bigiye ku wundi muntu atarwaye.
Nadège Irakoze
Messages
1er Gitugutu 2014, 13:50, par Djuma
none sinunva ngo america ngo nabahinga uwo murwayi kobatabashije kumumenya ko arwaye bamenye yuko umuhinga ar’imana kandi bamenye yuko ivyadushikira nabo vyaba shikira