Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umurwi Al Shabaab wemeye kuba wateye muri Kenya
Umurwi Al Shabaab wemeye kuba wateye muri Kenya
mardi 17 Ruheshi 2014
Umurwi w’abarwanyi ba Islam wo muri Somalia, Al Shabaab, wemeje ko ariwo wakoze igitero mu gisagara kiri mu buseruko bwa Kenya, ico gitero cahitanye abantu bashika kuri 48.
Abantu bitwaje inkoho barashe abanyagihugu banaturira amahoteri, ibiro vy’igipolisi hamwe n’ahadandarizwa ibitoro i Mpeketoni, hafi y’izinga rya Lamu mw’ijoro ryo ku munsi w’Imana w’indwi twaraye dusozereye.
Abamenyeshamakuru bashitse kuri uwu wa mbere aho kuri ivyo biro vyatewe bavuze ko hari hakimota ibintu vyahiye, babona imyotsi igifurufumba ku miduga yaturiwe. Abo bamenyeshamakuru bavuga ko yabwiwe ko abo bitwaje inkoho bategetse abantu kuvuga imirongo y’ikorowani , bibananiye bagaca babarasa.
Al Shabaab yasiguye ko ivyo yabikoze mu gusubiriza igihugu ca Kenya mu ndumane, kubera carungitse abasirikare muri Somalia, hamwe n’ihohoterwa rigirirwa aba Islam muri Kenya.
Egide Nduwimana
Messages
17 Ruheshi 2014, 23:35, par BAZOGENDA BARAGWIRA
none Kenya yarungitse abasoda bayo booose kugarukana umutekano mu makungu?
aho mur’abo badedagujwe na al shebab ibaraza sula ya koro’an,wosanga n’abasoda bari barimwo.
"ha abandi wamaze kwiha’’
18 Ruheshi 2014, 15:23, par mutabazi
Al Shabad kimwe na Boko Haramu ukongeraho FPR yo murwanda nizo ntagondwa ubu zica abantu benshi kwisi
Abandi zikabarigisa!!!