Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi Al-Shabab uragabisha igihugu Ca Kenya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umurwi Al-Shabab uragabisha igihugu Ca Kenya

Umurwi Al-Shabab uragabisha igihugu Ca Kenya

jeudi 24 Nzero 2013

Umurwi Al- Shaba, waraye ugabishije ko uzokwica abanyaKenya wagize imbohe.
Uwo murwi witwaje ibigwanisho w’abarwanyi b’abanyaSomalia, wamenyesheje ko uzokwica abo banyaKenya, ngo mu gihe igihugu ca Kenya kitokwitaba akamo catewe, kagisaba kurekura abaislamu bapfunzwe bagirizwa ivyaha vy’iterabwoba.

Abo barwanyi bitwaje ibigwanisho bo mu murwi Al-Shabab bavuze kw’igihugu ca Kenya gifise gushika itariki 14 z’ukwezi kwa kabiri kugira ngo kizobe kimaze gukora ivyo casabwe.

JPEG - 20.2 ko

Mu kiganiro umuvugizi w’ubushikiranganji bw’igihugu ca Kenya bujejwe kwivuga abansi, Bogeta Ongeri yahaye iradiyo Ijwi rya amerika, yavuze ko azi kw’abanyaKenya bane bari mu minwe y’umurwi al-Shabab, barimwo abanyagihugu babiri hamwe n’abasirikare babiri. Ariko rero yavuze kw’igihugu ca Kenya, kitazoganira n’umurwi al-Shabab.

Yavuze ko reta ya Kenya idahimirizwa, kandi itayaga n’abicanyi. Ivyo ari vyo vyose ngo mu gihugu ca Kenya, no muri Leta yabo, nta mbohe zo mu murwi al-Shabab, ziriho.
Yavuze ko abanyaSomalia bose bahagaritswe igihe abantu bikekwa ko bakora ibitero vy’iterabwoba baterwa, bashikirijwe Leta ya Somalia.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.