Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi indimu ugeze ku ntambwe ishimishije - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Umurwi indimu ugeze ku ntambwe ishimishije

Umurwi indimu ugeze ku ntambwe ishimishije

mardi 5 Ntwarante 2013

Abakunzi b’umuziki w’Uburundi barakunda kwibaza intango y’abasore babiri bagize umurwi Indimu. Badwiner na H bagiye baratera intambwe mu muziki, uko imisi yagiye irigira imbere kuva batanguye kuririmba.

Kuva bakiri batoyi bari basanzwe baririmba, ariko mu mwaka w ’ 2007 niho bahitamwo kugira umurwi, baca bawita indimu, niko gukora indirimbo yabo ya mbere yitwa “MAMA”.

Ivyo kuririmba barabandanije kubikunda, mu mwaka w ’2008 bamaze gusohora indirimbo zine, baca batangura kumenyekana nk’abaririmvyi bafise kazoza.

JPEG - 14.2 ko

Mu 2010 niho umurwi indimu wari umaze kumenyekana cane nk’umurwi ushoboye ivyo wiyemeje. Ivyo vyatumye basabwa n’abandi baririmvyi bagenzi babo kuririmbana. Twovuga nka Sat-b; Lolilo n’abandi benshi.

Umurwi indimu ubu urafise indirimbo zababa ijana. Muri izo harimwo album yabo ya mbere igizwe n’indirimbo 13 yitwa “ICOKUMPA”. Iyo album rero yagiye kumugaragaro mu umwaka uheze kw’ ipasika.

Muri izo ndirimbo kandi, harimwo izo baririmvye ari bonyene izindi baziririmbana n’abandi,hakaba n’izindi zikiri muri studio bataraheraheza, ndetse n’izindi ziri mu gitabo bandikamwo.

Umurwi Indimu muri uyu mwaka wiyemeje kugeza ku bakunzi babo indirimbo nyinshi n’amasanamu y’azo, kandi mu midiho itandukanye, mbere n’indimi zitandukanye, kugirango barushirizeho kumenyekana muri Afrika y’ubuseruko no mu mahanga ya kure


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.