Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba watanguye imyimenyerezo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba watanguye imyimenyerezo

Umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba watanguye imyimenyerezo

mardi 11 Myandagaro 2015

Umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba waratanguye imyimenyerezo kuwa mbere igenekerezo rya 10 Myandagaro 2015,witegurira inkino zo gukurakuranamwo,mu ntumbero yo kurondera uburenganzira bwo gukina inkino zihuza imirwi nserukirabihugu muri Afrika z’ibihugu CAN 2017zizobera mu gihugu ca Gabon.

Imyimenyerezo ibera ku kibiga c’ikigo c’Ubuhinga kiri mu Ngagara,mu gisagara ca Bujumbura.Urukino rwa mbere ruzohuza umurwi nserukiragihugu w’Uburundi n’umurwi wa Niger kw’igenekerezo rya 10 ukwezi kwa Nyakanga 2015.

Kubwo icegera c’umumenyereza mukuru Olivier Niyungeko batazira Mutombora,imyimenyerezo yatanguye neza naho nyene ku munsi wa mbere hitavye abakinyi bake,ariko akaba yizeye ko abandi bakinyi bazosanga abandi mu ndaro y’ikigo c’ubuhinga,aho bazova igihe cose mu mpera z’indwi,mu gihe bazoba bakenewe mu mirwi yabo.

Olivier Niyungeko yavuze ko hejuru y’abakinyi bakina mw’ihiganwa ry’Uburundi,hari abandi bazotumwako bakina hanze,inyuma yo kuvugana n’umumenyereza mukuru avuye mu kiruhuko amazemwo iminsi.

Mwomenya ko umurwi wa Vitalo ufise ibikombe vyose vy’uno mwaka ariwo,ufise abakinyi 10 batumweko,LLBS4A ufise abakinyi 8,2 muri Athletico Olympique,2 bo muri Muzinga,2 bo muri Olympique Star y’i Muyinga,1 wo muri Inter Star hamwe n’1 wo muri Bujumbura City.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.