Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi nserukiragihugu w’Urwanda watsinze umurwi nserukiragihugu wa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi nserukiragihugu w’Urwanda watsinze umurwi nserukiragihugu wa (...)

Umurwi nserukiragihugu w’Urwanda watsinze umurwi nserukiragihugu wa Kongo

lundi 11 Nzero 2016

Umurwi nserukiragihugu w’Urwanda Amavubi waratsinze kuri uno w’Imana igenekerezo rya 10 Nzero 2016 umurwi nserukiragihugu wa Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo igitsindo kimwe ku busa,mu rukino rwa kivandimwe.

Urwo rukino rwabereye kuri Stade muganda mu karere ka Rubavu, mu ntumbero yo kwitegurira ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu irimwo abakinyi bakinira mu bihugu vyabo rizotangura kuwa gatandatu igenekerezo rya 16 Nzero 2016 mu gihugu c’Urwanda.

Igitsindo c’umurwi nserukiragihugu w’Urwanda cinjiye ku munota wa 49,mu ntango y’igice ca kabiri c’urukino cinjijwe n’umukinyi Tuyisenge Jacques.

Inyuma y’urukino,umumenyereza w’Urwanda Johnny Mckinstry yavuze ko umurwi amenyereza wifashe neza kandi ko bagiye kuruhuka kugira bategure neza urukino bazohura n’umurwi nserukiragihugu wa Cote d’Ivoire.

Umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu wa Kongo Florent Ibenge yavuze ko bari biteze gutsinda umurwi nserukiragihugu w’Urwanda ariko basanga umurwi wifashe neza gusumba uko babiziga.

Abakinyi batanguye mu kibuga ku ruhande rw’Urwanda ni : Ndayishimiye Eric
Mwemere Ngririnshuti
Bizimana Amran
Bayisenge Emery
Tuyisenge Jaques
Nshuti Savio Dominique
Iranzi Jean Claude
Omborenga Fitina
Usengimana Faustin
Sugira Ernest

Ku ruhande rwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo,mu kibuga hatanguye :
Matampi Ngumbi Ley
Baometu-moke Junior
Lomalisa Mutambala Joyce
Bmpunga Rotuli Padou
Kimwaki Mpela Joel
Munganga Omba Nelson
Gikanzi Doxa Doxa
Lusadisu Basisila Guy
Lumbu Nzinga Heritier
Elia Lina Meschack
Boli M.Merikani Jonatha


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.