Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba wungutse ibibanza 21 ku rutonde (...)
Umurwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba wungutse ibibanza 21 ku rutonde rwa Fifa
jeudi 1er Gitugutu 2015
Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi mu mupira w’amaguru Intamba mu rugamba wungutse ibibanza 21 ku rutonde rwama rusohorwa n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi Fifa,uko ukwezi guheze.
Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi wavuye mu kibanza c’134 kiza mu kibanza c’113 carimwo mu kwezi kwa Mukakaro.
Ibindi bihugu vyo ku mugabane wa Afrika vyateye imbere ni Cap-Vert yungutse ibibanza 15,Benin yungutse ibibanza 15,Centrafrique yungutse ibibanza 42, na Mauritanie yungutse ibibanza 25 ica iza mu bihugu 100 vya mbere kw’isi.
Ibindi bihugu vyateye imbere cane ni igihugu ca Sudani y’Epfo cungutse ibibanza 54 hamwe na Liberia iza mu kibanza ca 95 inyuma yo gutera imbere ibibanza 65 mu kwezi kumwe gusa.
Naho hari ibihugu vyateye imbere,igihugu ca Niger casubiye inyuma ibibanza 19,kikaba cavuye mu kibanza c’101 kija mu kibanza c’120.
Ibihugu biza imbere ku mugabane wa Afrika ni Algerie,Cote d’Ivoire,Ghana ,Tiniziya na Senegal.
Van Naris Mugisha
Messages
1er Gitugutu 2015, 17:42, par Pascal MVUYEKURE
’Intamba mu rugamba’ komerez aho n ibind bibanza bizoboneka...préparez-vous en cause et en conséquence pour prendre part au mondial 2018 en Russie.
1er Gitugutu 2015, 17:48, par Pascal MVUYEKURE
Intamba mu rugamba ntimucik intege...nd umu fan.victory...victory...victoire.
1er Gitugutu 2015, 17:50, par Pascal MVUYEKURE
Intamba mu rugamba ntimucik intege...nd umu fan.victory...victory...victoire.
1er Gitugutu 2015, 17:53, par Pascal MVUYEKURE
Intamba mu rugamba ntimucik intege...nd umu fan.victory...victory...victoire.
2 Gitugutu 2015, 19:38, par Nduwimana Jean Marie
Biranezeyecane kotwungutse Ibibanzavyish Nibakomere Tubarinyumayabo
4 Gitugutu 2015, 16:29, par André Nibikora
Turashimiye cane Umutoza w’Intamba mu rugamba ko ariko arateza imbere umugwi w’Intamba mu rugamba.Dusavye Reta ngo ishigikire abo bakinyi kugira batere imbere.
4 Gitugutu 2015, 16:29, par André Nibikora
Turashimiye cane Umutoza w’Intamba mu rugamba ko ariko arateza imbere umugwi w’Intamba mu rugamba.Dusavye Reta ngo ishigikire abo bakinyi kugira batere imbere.
6 Gitugutu 2015, 09:17, par kaynza sit
nibashik mukibug ntiz bibagir igisabish imana ibarons icabajany natw tur ku gisabish imana ibaj imber