Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi Redemption Voice wabiciye biracika mu giteramo "WARAKOZE" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ibikorwa vyabaye > Umurwi Redemption Voice wabiciye biracika mu giteramo "WARAKOZE"

Umurwi Redemption Voice wabiciye biracika mu giteramo "WARAKOZE"

lundi 2 Ruheshi 2014

Umurwi Redemption Voice warabiciye biracika mu kunezereza abasanzwe bakunda indirimbo z’ Imana, mu giteramo "WARAKOZE". Ugutazira, ugutamba akanyamuneza nivyo vyaranga abitavye ico giteramo.

Umurwi w’urwaruka uririmba indirimbo zihimbaza Imana "Redemption Voice" canke Ijwi ry’ubucunguzi barabiciye biracika mu giteramo bise "Warakoze" cabaye kuri uno w’Imana igenekerezo rya 1 Ruheshi mu nyubakwa CLM (Christian Life Ministries), ahahoze ari Odéon Palace.
Igiteramo catanguye nk’igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba, gisozerwa isaha zitatu n’iminota cumi. Mu gice ca mbere c’ico giteramo baragerageje kunezereza abitavye ico giteramo mu ndirimbo zisanzwe zikundwa cane, aho twovuga nk’ururirimbo bise "Nta mpamvu ihari, Imbabazi zawe, Nta codutandukanya, Wogejwe hamwe n’ururirimbo Yesu urahambaye, aho mukamenya ko abaririmvyi batandukanye bagiye baja gufatanya n’uwo murwi, aha twovuga nk’umuririmvyi Fabrice n’umupfosoni wiwe, umuririmvyi Appolinaire n’umupfasoni wiwe, hamwe n’umuhanuzi Francis Tatu n’umupfasoni wiwe.

Muri ico giteramo bari batumiye abaririmvyi babiri nabo nyene basanzwe bakundwa cane mu baririmvyi b’indirimbo zo guhimbaza Imana hano mu Burundi, abo nabo ni Yves Shaka hamwe n’uwitwa Régis batazira Big. Ico gice ca mbere cagiye kurangirana n’ubutumwa bw’umuhanuzi abenshi bazi kw’izina rya Francis Tatu, uwo nawe yarigishije ijambo ry’Imana mu nyuma abantu barakizwa.

Igice ca kabiri abo baririmvyi naho nyene barabiciye biracika na cane cane mu kuvuza indirimbo zishasha zabo, ururirimbo "Warakoze" rukaba rwarakuzwe cane ndetse rukaba mbere rwanagiye ruraba urwa mbere mu matora y’indirimbo nziza asanzwe abera ku nsamirizi zitandukanye. Muri ico gice nyene baranezereje abakunzi nko mu ruririmbo "Yuguruye ntawugara".
Ico giteramo cagiye kurangira mu kanyamuneza ntangere.

Tubamenyeshe ko muri ico giteramo harimwo akabirya, aho uwo murwi wari wateguye amasanamu bagiye bafata bari mu myiteguro y’ico giteramo, ayo nayo yarimwo utuntu dutwenza abantu, abatari bake bakaba barakunze cane ako gace.
Eloge, umwe mu baririmvyi b’uwo murwi "Redemption Voice" arashima cane uko igiteramo cagenze. Avuga ko cari igiteramo co gushima ivyo Imana yakoze kuva uwo murwi utangura gushika ino saha. Ariko rero abo baririmvyi bavuga ko bababazwa n’ingene mu biteramo vyama biba hama hari abasubira inyuma kubera kubura ibibanza, mu gihe ababa bavyitavye aba ari benshi cane. Asigura ko igituma bama batora ikibanza CLM (Christian Life Ministries) ari uko ariyo nyubakwa amajwi asohoka neza (sonorisation). Abo baririmvyi basaba ko hobaho iyindi nyubakwa itunganijwe neza yokwakira ibiteramo binini.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.