Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi Top dance urabica bigacika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Inkuru > Umurwi Top dance urabica bigacika

Umurwi Top dance urabica bigacika

mardi 13 Myandagaro 2013

Umuririmvyi Sat-b ariko arabandanya yitaba ibiteramo vy’ihiganwa rya Primusic nk’uko bafitaniye amasezerano uyu mwaka.

Uyo muririmvyi mu biteramo vyose amaze kugenda yitabira, bigaragara ko akundwa cane. Ivyo vyatumye ibinyamakuru bimubaza ukwo yiyumva iyo abona abantu bose bashako ko ariwe yobandanya aririmba. Umurwi w’indirimbo zigezweho witwa aba Top dance, ari nawo usanzwe umutambira, uvyifatamwo neza, ivyo bigatuma indirimbo ziwe zigira akanovera kandi nabo bakaba bafise uruhara rukomeye mu gukundwa kwiwe. Ku bijanye n’ukwo yiyumva iyo aravye ukwo abantu bakunda indirimbo ziwe, avuga ko muri iki gihe akora ibishoboka vyose kugira agaragaze aho indirimbo ziwe zigeze, na cane cane ko muri iri higanwa rya primusic azozunguruka hafi Uburundi nka bwose.

Abandanya avuga ko iyo ariko araririmba atarahamagara uyo murwi w’abatavyi, abona ingene abantu baryoherwa bitandukanye niyo ariirimba, atambana n’uyo murwi w’aba Top Dance. Sat-B yaboneyeho akaryo ko gusigura ibijanye n’idirimbo yiwe nshasha yitwa "Nyanzobe’’. Yabariye abanyamakuru ko iyo ndirimbo yayiririmvye afise intumbero yo kwerekana ukuntu urukundo rushobora gutangura neza rugahera nabi. Avuga ko aho muri rusangi yagomvye kuvuga ubuzima bw’urukundo n’insiguro y’umuntu yatawe n’umukunzi wiwe amuhora ubusa.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.