Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi ujejwe ibibazo vy’indero mu nama nshingamateka usaba ibiganiro mu ma (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Umurwi ujejwe ibibazo vy’indero mu nama nshingamateka usaba ibiganiro mu ma (...)

Umurwi ujejwe ibibazo vy’indero mu nama nshingamateka usaba ibiganiro mu ma kaminuza ya Reta

mercredi 2 Ndamukiza 2014

Umukuru w’umurwi ujejwe ibibazo bijanye n’indero mu nama nshingamateka asaba ko habaho ibiganiro muri kaminuza za Reta.

Mu gihe abanyeshure bo mu ma kaminuza ya Reta arizo kaminuza nderabigisha ENS na kaminuza y’Uburundi bongewe ikiringo c’ukwiyandikisha caheze kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 1 Ndamukiza 2014, umukuru w’uwo murwi usanzwe ajejwe ibibazo vy’indero mu nama nshingamateka, Marcelline Bararufise yashimikiye cane ko hobaho ibiganiro hagati y’impande zose, ku ruhande rw’umushikiranganji hamwe n’uruhande rw’abanyeshure. Yasavye abanyeshure biga muri za kaminuza za Reta ko bokwitaba akamo bakaja kwiyandikisha.

Uwo mupfasoni asaba abategetsi bo mu bushikiranganji bw’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi kwumviriza ico abo banyeshure basaba, aho gufata ingingo zivuye kumbure ku gashavu. Izo ngingo nazo ni nk’izo kwirukana abanyeshure bose mu kiringo c’iminsi 10, hamwe n’iyirukanwa ry’abanyeshure batanu baserukira abandi mu kiringo c’imyaka ibiri.

Tubibutse rero ko n’ubu ingingo ziteye icuka kibi muri za kaminuza za Reta ari itegeko ry’umukuru w’igihugu inimero 100/07 ryo ku wa 14 Nzero 2014, hamwe n’itegeko ry’umushikiranganji inimero 610/212 ryo kuwa 12 Ruhuhuma 2014 risubiramwo agafashanyo kagiye gutangwa mu mwaka w’2014.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.