Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi ujejwe ukuri n’ukurekuriranira ntuzokworoherwa mu kazi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umurwi ujejwe ukuri n’ukurekuriranira ntuzokworoherwa mu kazi (...)

Umurwi ujejwe ukuri n’ukurekuriranira ntuzokworoherwa mu kazi kawo

mardi 18 Ruheshi 2013

Umukenguzamateka Emmanuel Nkengurutse abona ko ibikorwa vy’umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ukurekuriranira bishobora kubangamirwa n’itegeko rishasha ry’umwuga wo kumenyesha amakuru kuko iryo tegeko ritandukanye n’intwaro rusangi na cane cane ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro.

Mu kiganiro yatanze ku musi w’Imana, umukenguzamateka ari mu mugambwe UPRONA yamenyesheje ko bizogorana ko bashika ku kumenya ukuri aravye utunenge turi muri rya tegeko rigenga umwuga wo kumenyeshamakuru. Kubw’iwe, iryo tegeko rizohava ribuza abarundi n’abamenyeshamakuru kurondera ukuri no kuvuga ukuri kubera iryo tegeko ridatanga ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro.

N’uwuserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi nawe yarerekanye amakenga afise kuri uwo mugambi w’ubutungane bw’ inyuma y ’intambara. Parfait Onanga Anyanga yamenyesheje ko Uburundi butegerezwa gushiraho ubutungane bw’ inyuma y’intambara mu Burundi namba vy’ukuri igihugu gishaka gukuraho imiryano yabaye muri kahise.

Ku bwiwe, uwo murwi w’ukuri n’ukurekuriranira urafise akazi kenshi mu vyerekeye kurondera kumenya ukuri mu Burundi. Ni ukuvuga rero ko igihe uwo murwi uzoba wahejeje akazi kawo, ivyaha bizoba vyadomweko urutoke bizotegerezwa guhanwa.

Amezi atandatu inyuma y’amasezerano y’i Arusha, abanyepolitike bo mu Burundi bari bumvikanye ko umurwi w ’igihugu ujejwe ukuri no kurekuriranira utegerezwa gutanguzwa, imyaka 10 ikaba iheze utarashirwaho.

JPEG - 24.5 ko
Parfait Onanga Anyanga, Uwuserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi

Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.