Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Umurwi w’imvyino z’ikirundi “Yagamahoro” wiyemeje kuyasasagaza (...)
Umurwi w’imvyino z’ikirundi “Yagamahoro” wiyemeje kuyasasagaza hose
mardi 7 Rusama 2013
Umurwi w’imvyino z’ikirundi “Yagamahoro” ni ihuriro ry’urwaruka rwagiye hamwe mu ntumbero yo gutanguza umurwi w’imvyino z’ikirundi kugirango bakomeze gusasagaza amahoro na cane cane mu rwaruka, vyongere kandi bibahuze bategure kazoza k’igihugu kuko urwaruka arirwo Burundi bw’ejo.
Uwo murwi ukaba ukorera mu ntara ya Gitega kuko abenshi mu bagize uyu murwi ari abaho muri iyo ntara, ukaba ugizwe n’urwaruka rw’abahungu 30 n’abakobwa 20 bose hamwe bakaba mirongo itanu.
Nk’uko twabibwiwe n’umurongozi w’uyu murwi umwigeme yitwa Iradukunda Katia, avuga ko ikibatera kubona ko intumbero yabo yo gusasagaza amahoro bazoyishikako, n’uko abenshi muri bo bakiri abana batoyi bo mumashure mato mato n’ayisumbuye yisumbuye, ivyo rero bikerekana ko nibahabwa umuco mwiza nabo bazowigisha abandi babicishije muri izo mvyino z’ikirundi.
Ivyo bakora ni ugutamba mu birori bitandukanye nk’imanza, ibiteramo, n’ibindi bikorwa mu gutamba harimwo n’abavyinnyi. Intore z’abahungu, abaririmvyi kuko banifitiye indirimbo zabo zo gutamba bakaba ubu bafise intumbero yo gutangura kuzijana mu buhinyanyuro mu minsi ya vuba.
Ubu uwo murwi ukaba ufise intumbero yo gusasagaza amahoro bahereye aho mu ntara yabo bakagera no mu zindi ntara zose z’igihugu, bakagenda muri Afrika y’ubuseruko bakanagera mu mahanga ya kure.
Joel Sengurebe
Messages
23 Nyakanga 2016, 06:24, par NDUWIMANA NOAS
NUKURI IYINKURU IRAMPIMBAYE CANE CANE GOSE KUBONA UGWARUK RWAMASHURE MATO MATO NAMASHUR YISUMBUY RUJAHAMWE MUGUHANURA URWARUK .NKUKOBIMEZUK NOBASABIR BAGIRE IMIGISHA MABIKORWA VYABO BATERE IMBER KUKO NIGWO BURUNDI RWEJO ICONAYAVUZEK NAYO MUGIRE IBIHEVYIZA
9 Munyonyo 2016, 13:58, par j.paul BIZIMANA
muduha indirimbo zakaranka kiburundi ziratunezera kandi murakoze
23 Ruhuhuma 2017, 02:30, par Damiyano Nijebariko
Kuberako ubu ndimumahangayakure. Ngomba kwereka Ababa UBURUNDI Bwanyaburunga
12 Myandagaro 2017, 05:38, par Damiyano Nijebariko