Accueil > Inkino > basketball > Umurwi w’Urunani mu bagabo na Berco Stars mu bagore niyo yatahukanye (...)
Umurwi w’Urunani mu bagabo na Berco Stars mu bagore niyo yatahukanye intsinzi
lundi 26 Rusama 2014
Umurwi w’urunani ku ruhande rw’abagabo, hamwe n’umurwi wa Berco Stars ku ruhande rw’abigeme niyo yatahukanye intsinzi mw’ihiganwa ry’umupira w’amaboko ryariko ribera mu ntara ya Cibitoke. Iyo mirwi uko ari ibiri ica ironka amahirwe yo kuja guserukira Uburundi mu mahiganwa y’akarere ka 5 (zone 5).
Ku munsi wa gatandatu w’igenekerezo rya 24, umurwi wa Berco Stars watsinze umurwi Messagers Bururi, umurwi wa Les gazelles nawo utsinda umurwi wa Sisters w’i Ngozi amanota 79 kuri 45. Ku ruhande rw’abagabo naho, kuri uwo munsi wa gatandatu nyene, urunani rwakinye n’umurwi wa Muzinga batsinda amanota 57 kuri 50 ya Muzinga. Umurwi wa New Stars utsinda umurwi wa Dynamo amanota 78 kuri 52.
Ku munsi w’Imana, mu rukino rwa nyuma, ku ruhande rw’abagabo urunani rwatsinze umurwi wa New stars ku manota 50 kuri 45. Muri urwo rukino, umurwi w’urunani ukaba wagumye imbere mu manota gushika urukino rurangire. Ku ruhande rw’abigeme, umurwi wa Berco stars watsinze umurwi wa Les gazelles ku manota 45 kuri 43, iyo ntsinzi ya Berco Stars ikaba yabonetse bitoroshe kuko babanje kubongera iminota (prolongation).
Imirwi w’Urunani hamwe na Berco Stars batsinze mu rukino rwa nyuma rw’iryo higanwa akaba aribo baronse amahirwe yo kuzoserukira igihugu c’Uburundi mu mahiganwa y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko, mw’ihiganwa rya zone 5 rizobera i Nairobi mu gihugu ca Kenya.
Abakinyi binjije amanota menshi ku ruhande rw’abagabo ni uwitwa Elvis Hakizimana batazira Gafyisi akina mu murwi w’Urunani. Mu bakobwa naho ni umwigeme yitwa Nezerwe Inès akina mu murwi wa Berco stars.
Umukinyi nawe yabaye uwa mbere mu gukina neza ni uwitwa Willy Nijimbere akina mu murwi w’urunani. Ku ruhande rw’abigeme naho ni uwitwa Karume Florence.
Mwomenya ko ivyo birori vyari vyatewe iteka n’umukuru w’inama nkenguzamateka Gabriel Ntisezerana, umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama Adolphe Rukenkanya, umushikiranganji w’umutekano Gabriel Nizigama, hamwe n’abashingamateka batowe mu ntara ya Cibitoke.
Floxella Karire