Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi w ’Urunani ntiworohewe mu gutsinda ihiganwa ry ’akarere ka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > basketball > Umurwi w ’Urunani ntiworohewe mu gutsinda ihiganwa ry ’akarere ka (...)

Umurwi w ’Urunani ntiworohewe mu gutsinda ihiganwa ry ’akarere ka 5

mardi 13 Myandagaro 2013

Naho urunani rwari rwatsinzwe mw’ ihiganwa ry ‘akarere ka 5 mu mwaka w ‘2012, n’ubu umurwi w ‘urunani ntivyarivyaworoheye muri iri higanwa rwo mu mwaka wa 2013.

Mu gihe umwe mu bakinyi batazira Yao Ming basanzwe bagereranya n ‘umukinyi w umushinwa wo muri NBA yari yafatiriwe, umurwi urunani wari wateye amakenga abakunzi bawo ku mvo z ‘ubushobozi bwo guhiganirwa iryo higanwa ry ‘akarere ka gatanu. Umurwi w‘ urunani aho wari mu murwi umwe n’umurwi Espoir w ‘Urwanda, watsinze ihiganwa riheruka hamwe n ’umurwi wo muri kenya USIU, Urunani ntirwatanguye neza kuko rwatanguriye ku gutsindwa mu rukino rwariko rubahuza na Espoir wo mu Rwanda ku manota 60 ya espoir hamwe na 41 y ‘urunani.

Abo bakinyi b’urunani ntibari biteze na gato ko batsindwa kuko bari baherutse gutahukana intsinzi bavuye mu gihugu c’Urwanda mw ‘ihiganwa rya Gisembe mu gihe bari mu rukino rwa nyuma rwabahuza n’uwo murwi Espoir wo mu gihugu c’Urwanda.
Ariko rero, umurwi w ‘urunani waciye ufata imigambi wo gukora ibishoboka vyose kugira utsinde iryo higanwa. Igihe uhuye n’umurwi w ‘abanyakenya USIU, urunani rwakinye urukino abantu bose batari biteguriye kuko bari bagize ubwoba mu gihe bari batsinzwe mu rukino rwabahuje n’umurwi Espoir wo mu gihugu c’Urwanda umusi umwe imbere yaho.

Ibintu bikaba vyasa n’ivyagiye bitera imbere gushika mu gace ka nyuma k ‘iminota 10 , umurwi urunani warakoze ibikora inka uca utahana intsinzi aho warushije inota rimwe gusa umurwi bariko barahiganwa. Umurwi w ‘urunani wategerezwa kurusha amanota 20 umurwi w ’abakenya kugira uwo murwi uzoje mu gice ca nyuma c’ ihiganwa. Mu bisanzwe kazoza k ‘urunani muri urwo rukino kava ku manota uwo murwi uza kuronka mu rukino hagati mu mice hagati ya Espoir na Usiu. Iyo rero umurwi w ‘urunani utsindwa waca uva mw ‘ihiganwa.

Ariko rero imirwi y‘urunani si uko yabibona, bo baguma bizera. Muri ico gihe bariko bakina umurwi wa Espoir waratsinze inyuma yo kwongerwa iminota y‘ urukino, niho mu nyuma Urunani rwagize amahirwe yo kuja mu gice ca nyuma c’ihiganwa.
Bafise umwizero udasanzwe umurwi w ‘Urunani waciye uja mu gice ca nyuma c’ ihiganwa ufise ishaka ridasanzwe, aho urunani rwatsinze umurwi wo mu gihugu Ca Ouganda Warriors, bica bituma baja mu rukino rwa nyuma barikumwe n’umurwi wari wabatsinze Espoir wo mu gihugu c Urwanda, urukino rwari rurindiriwe cane hano i Bujumbura.

Abakinyi b ‘Urunani baciye bahaguruka ntibifuza ko igikombe gisubira ku bacika naho ibintu bitasa nivyoroshe mu ntango. Barakoze ibishoboka vyose kugira ico gikombe gitahire igihugu c’uburundi. Igihe umwanya wagenewe urukino uheze, Urunani, rwaciye rutahukana igikombe c’ akarere ka 5 ko mu mwaka wa 2013 ku manota 65 na 56 ya Espoir y ‘Urwanda. Abakunzi b‘ urukino rwa basket bo ngaha i Bujumbura bakaba baranezerewe cane, ndetse bakaba barashimye ukwitanga kw ‘abakinyi bakoze ibishoboka vyose kugira batahukane igikombe.

Twobibutsa ko muri iyi myaka itatu iheze, Urunani rwatahukanye intsinzi mu mahiganwa abiri, ihiganwa ryo mu mwaka wa 2013 hamwe n’iryo mu mwaka wa 2011. Urunani rukaba ariwo murwi wa hano mu Burundi wa mbere utahukanye intsinzi muri ryo higanwa.

Mwomenya ko Leta y ‘ Uburundi itatanzwe gukeza umurwi w ‘Urunani watahukanye intsinzi muri ryo higanwa ry ‘akarere ka 5.Filipo Nzobonariba, umunyamabanga mukuru akongera akaba umuvugizi wa Leta y ‘Uburundi mu butumwa bwiwe amenyesha ko Leta y ‘Uburundi ikeza cane abo bakinyi hamwe n ’ ubushikiranganji bw ‘inkino, urwaruka n’imicokama, yo yatunganije iryo higanwa ku mirwi yose yaryitavye.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.