Accueil > Inkino > FOOTBALL > Academie Le Messager yatahukanye igikombe ca "Rize Cup 2014"
Academie Le Messager yatahukanye igikombe ca "Rize Cup 2014"
samedi 5 Ndamukiza 2014
Abakinyi bo mw’ishuri ry’umupira w’amaguru Académie Le Messager baraye batahukanye igikombe ca "Rize Cup" bariko bahiganirwa mu gihugu ca Turkiya.
Kuva kw’igenekerezo rya 24 Ntwarante, mu gihugu ca Turkiya hariko habera inkino zahuza imirwi 6 yahiganirwa igikome ca "Rize Cup 2014". Umurwi waserukiye Uburundi Academie Le Messager wari witavye izo nkino. Uwo murwi nyene niwo watahunye igikombe ca "Rize Cup 2014". Ico gikombe wakironse uhejeje gutsinda umurwi wa "Beledeyesi FC" yo mu gihugu ca Turkiya, ibitsindo 3 ku busa (3-0).
Igitsindo ca mbere cinjijwe n’umukinyi Fatak Ali Intelligent ku munota wa 28, ica kabiri naco cinjijwe na Nkurunziza Dannick ku munota wa 47 kuri "Penalty". Igitsindo ca nyuma, arico ca gatatu cinjiye ku munota wa 72, ku mupira mwiza cane watewe na Joel Nkurunziza batazira Coly.
Mwomenya ko uwo murwi umenyerezwa na Kazadi Mwilambwe utigeze utsindwa urukino na rumwe kiretse ko imirwi yose vyakinye uwatsinzwe bike vyari 2 ku busa. Academie Le Messager wakinye inkino 5, winjiza ibitsindo 15. Mu mwaka w’2013, uwo murwi wari watahukanye igikombe ca "Jeunesse Moscou", mw’ihiganwa ryabereye mu gihugu c’Uburusiya.
Urutonde rw’abakinyi baserukiye Uburundi mu murwi wa Academie Le Messager:
Abanyezamu :
1 Mbonimpa Hamim Ngozi
2 Mamera Idrissa Bujumbura
Abakinyi b’inyuma ni :
3 Nkurunziza Joel Coly Ngozi
4 Ngendambizi Willy Rumonge
5 Hakizimana Youssuf Ngozi
6 Ramadhan Salum Bujumbura
7 Irakoze Aimable Ngozi
8 Amin Abdul Ngozi
Abo hagati
9 Hakizimana Saleh Rumonge
10 Museremu Iddy Ngozi
11 Nshimirimana François Bujumbura
12 Irakoze Eloge Rumonge
13 Karikera Ibrahim Rumonge
14 Tonny Irambona Ngozi
Abasatirizi
15 Niyonkuru Theophile Rumonge
16 Nkurunziza Dannick Bujumbura
17 Nihorimbere Eloge Bujumbura
18 Fataki Ali Intelligent Ngozi
Chérif Nkeshimana
Messages
6 Ndamukiza 2014, 10:35, par désiré HAKIZiMAMANA
abo bana baserukire le Messager Fc barateyiteka u Burundi n’abarundi
6 Ndamukiza 2014, 19:28, par Mama
Murakaramba turabakunda kandimwebwe tubatezekovyishi abarunditwese.
Lydia Nsekera wacunawe yongewe ayandimabanga mpuzamakungu nawe turamushigikiye ateyimbere nitwebwe abarundi nuburundi tubaduteyimbere mwese turabashigikiye.
6 Ndamukiza 2014, 21:05, par RUKUNDO
académie le Messager komera komera turabashigikiye.
7 Ndamukiza 2014, 09:58, par schaaaa
terimber bana bigihugu murashoboye
7 Ndamukiza 2014, 14:48, par None
Biranezereje caaane gose! Coly n’umukinyi rurangiranwa twariganye secondaire kuri Lycée Don Bosco. I wish him all the best in his carrier! Hari Uwundi yitwa Urasenga Cedric Danny (twatazira Kagabo) ndumva nshaka kumenya nawe amateka yiwe muri football. Urwaruka rw’iwacu riru n’ingabirano twari twabuze abadushigikira ngiriyeko nkeza Our Burundian Head Of State Peter NKURUNZIZA pour cette initiative! Hama na Jewe ndiko mpiganwa mu makungu muvyigwa vy’ubumenyi mubuhinga bwa none! Nizeye ko Imana izama iduteriteka kuko twayihaye Ikibanza ca Mbere muvyo dukora vyose. Abatwanka tuzogerageza kubakunda hama bo nyene bahakure icigwa!
7 Ndamukiza 2014, 22:40, par pasteur
iterambere niryiza, ariko harivyinshi vyononekara murubwoburyo! ntangazwa nivyiyumviro bibi, bibiba amacakubiri, vyigisha ubugumutsi, kwigisha ubwansi, kwibutsa ibintu vyarenganye, vyataye igihe, nuwoba akibikamisha, harageze ko atangura kumenya kurondera ukundi ashobora kubaho, kuko amaraso arahuma. uwuteranya kukarimi, niwemwicanyi wambere mubi, averageze rero mwemujejwe ururubuga, mutinye imana nabantu, gusasira indava, abononyi, ivyobivugwa, mupfume musaba leta ibaronderere ya sentare bagirizanye, bareke kuvangatiranya ibintu, ikibabaje nuko aribabandi baguma bandika, ivyamoko!!! jenibazako hageze komwobaharira ivomo, mwoye kuvyemera SVP!!!
11 Ndamukiza 2015, 20:16, par Minani evariste
Nukuri abo bana bacu imana ibajimbere .
8 Ndamukiza 2016, 21:03, par Willy Bigirimana
umugwi wacu academy le messager ni bon ahubwo courrage
29 Ntwarante 2017, 10:48, par butoyi jean marie
jewe,iyinkuruiranryoheye