Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi wa Arsenal woba ugiye kuja mu minwe y’umunyafrika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi wa Arsenal woba ugiye kuja mu minwe y’umunyafrika

Umurwi wa Arsenal woba ugiye kuja mu minwe y’umunyafrika

vendredi 19 Ruheshi 2015

Umutunzi wa mbere muri Afrika Aliko Dangote,avuka mu gihugu ca Nijeriya, aripfuza kugura umurwi w’umupira w’amaguru wo mu Bwongereza Arsenal.

Nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru Afrizap abimenyesha,Aliko Dangote yari yashatse kugura ibice bimwe vy’umurwi wa Arsenal,vyari bifiswe n’umuyobozi wayo Lady Nina Bracewell-Smith mu mwaka w’2011.

Aliko Dangote ,afise ubutunzi bungana n’imiliyaridi 18 z’amadolare,n’ukuvuga imiliyaridi 15,9 z’amafaranga y’abanyaburaya.Aliko avuga ko mu gihe uruganda rukora ibitoro rwa mbere ku mugabane wa Afrika ruzoba rutanguye gukora mu gihugu ca Nijeriya,azoca aronka umwanya n’uburyo bwo kuriha ibisabwa kugira uwo murwi wa Arsenal umwegukire.

Gushika ubu umurwizatunga w’umunyamerika Stan Kroenke niwe afise ibice vyinshi vy’umutahe mu murwi wa Arsenal,ku bice 66,6 kw’ijana,kandi akaba atiteguye kurekura bimwe muri ivyo bice mu myaka ya vuba.

Uwundi afisemwo imitahe ingana n’ibice 30 kw’ijana ni umurwizatunga wo mu gihugu ca Uzubekistan,kandi nawe ngo ntiyiteguye kurekura.

Aliko Dangote,asanzwe akorera mu rudandazwa rw’ibitoro,isukari n’isima.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.