Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Atletico yakenyereye FC Barcelone, aho gutsindwa yemeye amakosa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Atletico yakenyereye FC Barcelone, aho gutsindwa yemeye amakosa

Atletico yakenyereye FC Barcelone, aho gutsindwa yemeye amakosa

mercredi 2 Ndamukiza 2014

Igice ca kane c’inkino z’umupira w’amaguru ku mugabane wa Buraya "Champions League" caraye cuguruwe n’inkino zibiri. Rumwe rwahuje imirwi yo muri Espagne FC Barcelone n’umurwi wa Atletico Madrid, urundi rwahuje Bayern de Munich wo mu Budagi na Manchester United wo mu Bwongereza. Iyo mirwi yose yaranganije inganya igitsindo kimwe ku kindi.

Izo nkino zabaye ejo hahise, zari zitezwe n’abantu isinzi bamwe bariko bazikwirikiranira ku mboshakure. Imirwi ikomeye yo ku mugabane wa Buraya yari ihanganye mu gice ca 4 c’amahiganwa ya Champions League. Ku kibuga c’i Camp Nou, Gerardo Daniel Martino amenyereza umurwi wa FC Barcelone yakiriye mugenzi we Diego Simeone wa Atletico Madrid. Iyo mirwi ibiri isanzwe ikurikirana mu manota mw’ihiganwa La Liga ryo muri Espagne, ejo hahise ntihari aho gutuma umwana.

Urukino rwatanguye igihe c’isaha zibiri n’iminota mirongo ine n’itanu (20h45), impande zose nta gufyina canke gukengerana vyarimwo. Igice ca mbere cahavuye gihera abanyezamu Jose Pinto Colorado (FC Barcelone) na Thibault Courtois (Atletico) ata gitsindo barinjizwa. Ariko ntivyashoboye kuguma ukwo, kuko igice ca kabiri kigitanguye Diego Costa ntiyihanganiye Pinto mu kumwinjiza igitsindo ku munota wa 57.

Ico gitsindo cabaye nk’ugukoza agati mu ntozi, uwubizi n’umunyezamu Thibaut Courtois aho yashoboye gukinga agasakisaki k’imipira yava imwe kwa Busquets, kwa Iniesta iyindi kwa Messi, ariko uwo munyezamu yarahavuye aragondwa na Neymar Junior ku munota wa 71, urukino ruca ruhera imirwi inganya igitsindo kimwe ku kindi(1-1)

Icibonekeje n’uko abakinyi ba Atletico birinze cane gutsindwa, uko kwirinda kwatumye bagira amakosa menshi, aho umuhagarikizi Felix Brych yavugije amakosa angana 24, harimwo amakarata y’umuhondo 6 ya Atletico Madrid. FC Barcelone wagize amakosa 16 n’amakarata y’umuhondo 2 gusa. Umurwi wa Atletico Madrid ugiye kwitegurira kwakira FC Barcelone ku kibuga ca Vicente Calderon mu rukino rwo gusubiza.

Ku rundi ruhande, David Moyes amenyereza umurwi wa Manchester United yakiriye Pep Guardiola wa Bayern de Munich, eka nabo nyene baranganije kimwe ku kindi. Ku munota wa 58, umukinyi wa Manchester United yinjije Manuel Neuer. Ku munota wa 66, Schweinsteiger aca abasubiriza mu ndumane, igitsindo David de Gea atakubise ijisho. Abenshi nta mahigwe baha Man United, kuko hariho abakinyi batarimwo.

Tubibutseko uno munsi kuwa gatatu, umirwi ya Paris-Saint Germain uhura na Chelsea, Dortmund nawo uhura na Real de Madrid, umuriro uza kuzimwa n’urubanza rucibwa n’ikibuga n’abakinyi.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.