Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi wa Chelsea waraye usimvye icobo mu gutsinda Paris-Saint-Germain - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi wa Chelsea waraye usimvye icobo mu gutsinda Paris-Saint-Germain

Umurwi wa Chelsea waraye usimvye icobo mu gutsinda Paris-Saint-Germain

mercredi 9 Ndamukiza 2014

Inkino za Champions League zirabandanye ku nkino zo gusubiza mu gice ca 4 gishira ica mbere (4/1). Mu nkino zo gusubiza, imwe mu mirwi yaraye itekeye, iyindi ironka amahigwe yo kubandanya. Chelsea uzobandanya inyuma yo gutsinda Paris-Saint-Germain, eka na Real Madrid uzobandanya naho Borussia Dortmund yayitsinze.

Inkino zahuje imirwi 4 yariko ikina inkino zo gusubiza yerekanye ibitangaza mu kibuga aho ivyo benshi babonako bidashoboka vyashobotse. Umurwi wa Paris-Saint-Germain waraye uciriwe wa mugani abarundi baca bati:"n’uburi ku munwa burakoroka". Inyuma yaho uwo murwi wari watsindiye iwabo umurwi w’umumenyereza José Mourihno, Chelsea yaraye iwuhinduriye mu rukino benshi batayiha amahigwe.

Umumenyereza Jose Mourihno yari yaje yazikenyeye ziraguma, ijisho ku rindi araba uko umukinyi wese ariko arakina mu kibanza ciwe. Amaze kubona wa mukinyi asanzwe yemera cane Eden Hazard atari yerekana umupira mwiza, yamusubirije na Andre Schurrle ku munota wa 18(18eme min), uwo wanyuma yashitse agira akamaro kuko ku munota wa 32 (32eme min)yaciye yinjiza igitsindo ca mbere. Mourihno aravye akabona ko Franck Lampard atariko aboneka cane yamusubirije na Diemba Ba ku munota wa 66(66eme min). Inyuma y’iminota 22 yaciye yinjiza igitsindo ca 2 hari ku munota wa 87(87eme min) bica biba bitsindo 2 vya Chelsea ku busa bwa Paris-Saint-Germain(2-0). Ivyo bitsindo n’ivyo Chelsea yarondera kugira ibandanye mu gice ca kabiri kuko urukino rwa mbere uwo murwi wari watsinzwe 3 kuri 1.

Bamwe bibazako Paris-Saint-Germain ya Laurent Blanc yoba yagize umusuhero w’uko Zlatan Ibrahimovic atakinye canke ko bari bijajaye.

Ku rundi ruahnde, Real Madrid yatsinzwe na Borussia Dortmund ibitsindo 2 ku busa. Ivyo bitsindo ntaco vyayimariye kuko wari watsinzwe ibitsindo 3 ku busa(3-0).

Chelsea na Real Madrid izobandanya mu gice ca kabiri gishira ica nyuma. Hasigaye kumenya ikiva mu rukino ruza guhuza imirwi ya Atletico Madrid na FC Barcelone, n’imirwi ya Manchester United na Bayern de Munich. Mwomenyako mu nkino za mbere iyo mirwi yose yanganijec igitsindo kimwe ku kindi (1-1).


Chérif nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.