Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi wa FC Barcelone usaba umukinyi Dani Alves gukura meza arondere (...)
Umurwi wa FC Barcelone usaba umukinyi Dani Alves gukura meza arondere uwundi murwi
vendredi 1er Myandagaro 2014
Uburongozi bw’umurwi wa FC Barcelone bwoba bugira busezerere umukinyi Dani Alves da Silva. Ikibanza yaguriwe gukinamwo ntaco agishoboye. Asabwa kuba ararondera uwundi murwi yojamwo. Umurwi wa FC Barcelone ugomba kugabanya abakinyi bahembwa menshi, ariko ata kintu kinini bamariye umurwi.
Ikinyamakuru co mu gihugu ca Espagne footmercato.net, canditse ko abarongozi b’umurwi wa FC Barcelone basezereye umukinyi Dani Alves da Silva aturuka mu gihugu ca Bresil. Dani Alves yari yaguzwe imiriyoni 40 z’amahera akoreshwa n’abanyaburaya, hari mu 2008. Mu ntumbero yo kugabanya abakinyi bahembwa menshi kandi b’ingwizamurongo, umurwi wa FC Barcelone wamusavye kurondera uwundi murwi yokinamwo. Ikibanza ciwe kizojamwo umukinyi Fiorentina Juan Cuadrado wo muri Colombiya. Dani Alves ku myaka 31, ageze aho umwansi ashaka mu mupira w’amaguru, kuko no mu gikombe c’isi yakinishijwe nk’umukinyi w’umusubirizi mu gihugu ciwe ca Bresil.
Mwomenya ko umurwi wa Paris Saint Germain wagomvye kugura Dani Alves nawe akanka kubera yashaka kumara uwundi mwaka muri FC Barcelone. Ikindi n’uko uno mwaka umurwi wa FC Barcelone waguze abakinyi bakomakomeye harimwo nka ba Luis Suarez, Ivan Rakitic, Marc-André Ter Stegen, Jérémy Mathieu, Claudio Bravo, eka bavuga ko aho ko bobona Dani Alves bopfuma bazana David Villa.
Tubibutse ko Dani Alves yagiye muri FC Barcelone avuye mu murwi wa FC Seville mu mwaka w’2008. Yari yinjiye muri FC Seville mu mwaka w’2003. Kuva muri FC Seville gushika aho muri Barcelone yirukanywe, yari amaze gukina inkino 465, yari amaze kwinjiza ibitsindo 33, yinjiye mu kibuga agombora incuro 33, agomborwa incuro 26, yahawe amakarata y’umuhondo incuro 134, ahabwa zitukura incuro 14.
Cherif Nkeshimana
Messages
3 Myandagaro 2014, 07:21, par Claude ntira
Jewe kubijanye nokwirukana alves ntivyarivyo ati kuki?alves yarumukinyi yakina neza kandi yarinda.encore yamanuka gufasha inyuma kukubera defenseur ya fc barce ntabwo yarishemeye eka nabanyegori nikokuko.rero nimbamwaguze abobose bashobora gufasha ahohose hahobahoba nisawa.ok murakoze
12 Mukakaro 2016, 08:20, par IRADUHAYE DIVIN
nibijuju kwirukana umukinyi yafata umukinyi ahambaye nka c.ronaldo
8 Ruheshi 2017, 17:21, par Elissa Barça Nahimana
jewe kwigenda rya dani alves twese ryaratubabaje ntakuntu bari kwirukana umukinyi ubu avyifashemwoneza nka kurya
6 Munyonyo 2018, 13:51, par Elle chadai kizunguzungu
nukuri vyara tubabaje twes