Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Lion Story > Umurwi wa Lion Story baratahura iciyumviro c’isabukuru ’’Buja sans (...)
Umurwi wa Lion Story baratahura iciyumviro c’isabukuru ’’Buja sans tabou’’
jeudi 6 Ruhuhuma 2014
Umurwi wa Lion Story n’umwe mu mirwi itandukanye yatowe gufasha mw’isabukuru «Buja sans tabou» yateguwe n’umurwi wa «Théâtre» «la troupe Lampyre», uwo murwi ubonako iyo sabukuru izobasha vyinshi mugushikiriza ivyiyumviro vy’abo.
Isabukuru «Buja sans tabou» ni akaryo keza k’umurwi wa Lion Story ko kuvugira k’umugaragaro, ko gusemerera ivyo benshi batavuga. Sikubwayo Roméo, umwe mubagize umurwi, ati: «gutorwa kugira dufashe mw’isabukuru, n’uko twebwe dusa nababitanguye kera kuvugira ahabona ivyo benshi batinya». Roméo abandanya amenyeshako intumbero y’isabukuru bayumva cane, kuri we, abantu barakeneye umwidegemvyo mu gushikiriza ivyiyumviro. Arongera kandi akavugako kwubahuka kuvuga ibitagenda neza bifasha abatwara kumenya uko abantu biyumvira.
Urukwirikirane rw’indirimbo ziri muri «Revolution Time»zizobandanya zivuzwa mu ntumbero y’isabukuru «Buja sans». Ku munsi w’Imana, igenekerezo rya 09 Ruhuhuma kuri Sabemeli, umurwi wa Lion Story uzobica bicike. Ntihagire uwo ikirori kizocika ngo n’amahera, kwinjira ni k’ubuntu, kuva isaha 16h umudiho wa Reggae uzoba watanguye kudiha.
- Sikubwayo Romeo,umwe mu baririmvyi ba Lion Story
Cherif Nkeshimana