Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi wa Real Madrid waraye utahukanye igikombe c’Umwami
Umurwi wa Real Madrid waraye utahukanye igikombe c’Umwami
jeudi 17 Ndamukiza 2014
Urukino rwa nyuma rurangiza amahiganwa y’igikombe c’umwami w’igihugu ca Espagne rwaraye rurangiye. Ya mirwi mikeba yaraye itanye mu mitwe. Umurwi wa FC Barcelone na Real Madrid niyo yahiganirwa ico gikombe. Ku ntsinzi y’ibitsindo 2 vya Real Madrid, FC Barcelone yatahanye igitsindo kimwe gusa.
- igitsindo c’igitangaza Gareth Bale yinjije kubera kunyaruka
Kw’isaha zitatu n’inusu ku masaha y’i Bujumbura (21h 30), ku kibuga Mestella ca Valencia niho ivyo bihangange vyataniye mu mitwe. Urukino rw’inguvu rwariko rurabwa n’abantu isinzi, uravye mu kibuga ca Mestella, eka no mu mazu aberekanamwo umupira yo mu gisagara ca Bujumbura. Bamwe biyita ko ari abarorerezi b’umurwi wa FC Barcelone, abandi biyitirira Real Madrid. Ariko ikibuga cahavuye gica urubanza.
Igikombe c’umwami Juan Carlos wo muri Espagne gitahukana umumenyereza Carlo Ancelloti n’umurwi wiwe urimwo abakinyi nka Gareth Bale yatsinze igitsindo ciza ku munota wa 85, inyuma yaho Angel Di Maria akina muri Real Madrid ariko avuka mu gihugu ca Argentine itsindiye ica mbere, hari ku munota wa 11. Igitsindo c’umurwi wa FC Barcelone cinjiye ku munota wa 68 n’umukinyi Marc Bartra ku mupira uvuye mu mfuruka awinjiza n’umutwe, ico nticabujije ko Martino aca atekera agataha uko.
- Angel di Maria ahejeje kwinjiza
Tubibutseko umurwi wa FC Barcelone uherutse no gusezera amahiganwa ya Champions League ukuwemwo na Atletico Madrid, bamwe bakibaza ico uko gutsindwa kw’agasakisaki k’uwo murwi kwoba kuvako, hamwe n’umunyezamu wawo Valdes arwaye, uwamusubiriye Pinto nawe akaba ata mahiganwa menshi bamukinishamwo kiretse iyo Valdes agize ingorane. Ibibazo ni vyinshi ku bakinyi n’abakunzi ba FC Barcelone.
Chérif nkeshimana
Messages
12 Myandagaro 2016, 15:05, par Ndayizeye
Nipfuza,komwoyindungikira,nkayirorera,naje
19 Nzero 2017, 10:01, par Irakiza
Vyabay Ryari?
16 Ruhuhuma 2017, 20:35, par NDUWIMANA ETIENNE
NIPFUZA KOMWOYIMPA NKAYIRORERA
16 Ruhuhuma 2017, 20:35, par NDUWIMANA ETIENNE
NIPFUZA KOMWOYINDUNGIKIRA NKAYIRORERA
15 Ruhuhuma 2018, 09:12, par Mateso Jean De Dieu
Ndipfuzakumenya Ikipe Yambere Munkino
31 Rusama 2018, 19:16, par Ndayisenga Jamari
Nashaka Komwoyimpa Nkayiraba
17 Nyakanga 2018, 11:18, par Niyomwungere leonard
Cristiano ronardo na messi ninde afir ibitsindo vyishi?murakoz twishur.