Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi wa Shemza music warateramishije abanyarwanda muri Jazz concert (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Gospel > Umurwi wa Shemza music warateramishije abanyarwanda muri Jazz concert (...)

Umurwi wa Shemza music warateramishije abanyarwanda muri Jazz concert live

samedi 11 Rusama 2013

Ku mugoroba wo kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 10 Rusama 2013, umurwi wa Shemeza music wo mu gihugu c’Uburundi uri mu Rwanda aho witavye igiteramo c’indirimbo muri concert yiswe Accoustic Jazz concert live yabereye mu gisagara ca Kigali ahitwa Ishyo Art centre ku kacyiru.

JPEG - 318.3 ko

Muri iyo Concert, harimwo abaririmvyi benshi kandi b’abahinga. Aha twovuga nk’umuririmvyi Appolinaire, David bose bahuriye muri uwo murwi wa Shemza music, tukavuga kandi Claude Ciza, johan de Visser, david Potential, Najib ava mu gihugu c’Ububirigi ,Gabby wo mu Rwanda, n’abandi baririmvyi bakoresha cane umudiho wa Jazz nk’uko izina rya concert ryari riri.

Ico giteramo cari kibereye ijisho kuko n’abantu bari bahari bari benshi kandi vyaraboneka cane ko abanyarwanda bari banezerejwe n’ico giteramo.
Umurimvyi Appolinaire yarateramishije abakunzi biwe aho yavuza igicurangisho bita Saxisophone, Gabby nawe yarateramishje abakunzi b’indirimbo ziwe imbere muri rusangi ico giteramo cari ciza kuko carangiye abacitabiriye bagomba kwigumira aho.

Concert irangiye hasabwe ko umurwi wa Shemza music woteramisha abantu mu ndirimbo zisanzwe zitari muri uwo mudiho w’igiteramo hanyuma aca arabikora abantu bose barahaguruka baratamba ndetse banaririmba.

Umurwi wa Shemza Music ubu ukaba uri mu mu gisagara ca Kigali nk’’ uko twabibwiwe na David umwe mubarongoye uyo murwi, avuga ko babandanya gukora ibiteramo bitandukanye mu gisagara ca Kigali bikaba bitegekanijwe ko bazogaruka i Bujumbura kuri uyu wa mbere w’iyi ndwi iza.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.