Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umurwi Zoe Music bari kumwe na David barabiciye biracika - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Gospel > Umurwi Zoe Music bari kumwe na David barabiciye biracika

Umurwi Zoe Music bari kumwe na David barabiciye biracika

lundi 15 Ndamukiza 2013

Umurwi Zoe Music uririmbira kw’ishingero Eglise de Dieu de la Prophésie ryo muri komine Cibitoke, mu gisagara ca Bujumbura wararemesheje igiteramo ku mugoroba wo ku w’Imana igenekerezo rya 14 Ndamukiza 2013, mu ntumbero yo kwereka abakristo ko uwo murwi umaze gushinga imizi mu gukorera Imana biciye mu ndirimbo.

JPEG - 61.3 ko

Muri ico giteramo, hari hatumiwe umuririmvyi David Nduwimana wo mu murwi Chemza Music. Ivyo vyatumye ico giteramo citabwa n’abantu benshi kuko indirimbo ziwe zikunzwe cane muri iyi minsi.

JPEG - 53.8 ko

Umuririmvyi David yarateramishije abantu bahimbaza Imana bivuye inyuma kuko indirimbo ziwe zizwi na benshi, yaratera abari mu giteramo bakitabira na cane cane ko indirimbo ziwe yazifashijwe n’abacuraranzi b’abahinga kandi zose yaziririmvye mu buryo bwa Music live.

Uwo murwi nawo wa Zoe Music wavyifashemwo neza cane kuko warumaze imisi itari mike witegurira ico giteramwo. Bari bafise intumbero yo kubwira abantu ko Yesu agiraneza bakanabibutsa ko Shetani nawe agira nabi gutyo bakanimenyekanisha nk’umurwi ukorerea hano mu gihugu c’u Burundi.

JPEG - 58.1 ko
Zoe Music wavyifashemwo neza cane kuko warumaze imisi itari mike witegurira ico giteramwo

Ku bw’umurongozi w’ishengero, birashimishije kubona umurwi nk’uyu ukorera kw’ishengero arongoye kuko bari basanzwe baririmba ariko ntiyari bwatahure ko muribo harimwo ubuhinga nk’ubwo yabonye. Akomeza avuga ko afatikanije n’ishengero, yiteguye gukomeza gushigikira uwo murwi kugira ngo utere imbere muvyo ukora.

JPEG - 51.1 ko

Kubw’abakristo bitavye ico giteramo, ibikorwa vyose vy’uwo murwi birashimishije kuko babona ko ugiye gutuma abakristo batera intambwe mu vyo kwizera kandi ko biteguye gufatikanya n’uburongozi bw’ishengero mu kubashigikira.


Joel sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.