Accueil > Inkino > course > Umushikiranganji Adolphe Rukenkanya yiyamiriza ikumirwa hagati (...)
Umushikiranganji Adolphe Rukenkanya yiyamiriza ikumirwa hagati y’abanonotsi
jeudi 20 Ntwarante 2014
Igihugu c’Uburundi nticitavye amahiganywa yo gisiganwa mu kwiruka ariko abera mu gihugu c’Ubuganda. Kutitaba ayo mahiganwa vyatumwe no ukutumvikana kwibonekeje hagati y’abarongoye ishirahamwe ry’abanonotsi mu Burundi hamwe n’Ubushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama busaba ko igihugu coserikrwa n’abanonotsi babishoboye atakumirwa rigiyemwo.
Mu gihe hari ishirahamwe ry’abanonotsi rizwi imbere y’amategeko rirongowe na Nitunga Egide, hari n’ayandi mashirahamwe y’abanonotsi ari mu gihugu, akarorero n’ishirahamwe rirongowe na Kwizera Dieudonné riri mu gisagara ca Bujumbura.
Hagati muri ayo mashirahamwe, harabaye amahiganwa 4 yo gutora abanonotsi bazoja guserukira Uburundi mu mahiganwa yo mu Buganda. Ayo mahiganwa yabereye rimwe mw’Ijenda, rutunganijwe n’umunonotsi Diane Nukuri aba muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, irindi ribera mu Ryansoro ritunganijwe n’umunonotsi w’umurundi aba mu gihugu c’Ubufaransa, irindi higanwa ryabereye muri "Camp bataillon Para" ryateguwe na Kwizera Dieudonné, irya nyuma ryateguwe na Egide Nitunga asanzwe yemewe imbere y’amategeko, rwabereye mu kigo ca "Ecole Technique de Kamenge".
Ukutumvikana kw’umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imico kama na Nitunga Egide kwatanguye igihe Egide yaja gusaba uruhusha (Ordre de Mission) ry’abanonotsi bogiye mu Buganda.
- Adolphe Rukenkanya, umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama
Adolphe Rukenkanya aramutswa ubwo bushikiranganji, avuga ati : "Baje kunsaba umukono w’Ubushikiranganji, bazanye urutonde rw’abanonotsi, nsaba ko hatogenda abari mw’ishirahamwe barongoye gusa, ahubwo ko borondera no mu yandi mahiganwa yo mu yandi mashirahamwe bakaraba abanonotsi barushije abandi, kugira Uburundi buserukirwe n’abanonotsi babishoboye".
Uwo mushikiranganji abandanya amenyesha ko ivyo batavyumvikanyeko, niko kwanka gushirako urusha rw’Ubushikiranganji (Ordre de mission). Ariko rero ntivyahereye aho kuko abo bari bagiye gusaba urwo ruhusha bashatse gucisha ahabo, bashaka kuja mu Buganda badafise iyo Ordre de mission. Ubushikiranganji buca bwitura ubushikiranganji bw’umutekano "Ministère de la sécurité publique" kugira bahagarike urwo rugendo rutari rukwije amategeko.
Adolphe Rukenkanya abandanya amenyesha ko n’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abanonotsi ryabonye inguvu nke ishirahamwe rya Nitunga rifise, ariko gusaba ubushikiranganji gushiramwo abayobozi 2, umwe w’ubuhinga uwundi yofasha guteza imbere abanonotsi b’abarundi baja mu makungu kugira bafasha ishirahamwe ryose ry’abanonotsi ryokwemererwa.
Uwo mutegetsi arangiza avuga ko ingendo yogukumira abanonotsi bitwaje ko bari mw’ishirahamwe iri canke ririya isubiriye kwibonekeza hazoca hafatirwa ibihano ababikoze.
Chérif Nkeshimana