Accueil > Amakuru > Poritike > Umushikiranganji Léocadie Nihazi yatanze imihoho
Umushikiranganji Léocadie Nihazi yatanze imihoho
mardi 4 Ruhuhuma 2014
Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru, hamwe n’imigenderanire n’inama nshingamateka yatanze imihoho muri Reta irongowe na Petero Nkurunziza.
Umupfasoni Léocadie Nihazi amenyesha ko yubashe akamo yatewe n’umukuru w’umugambwe Karori Nditije, gahamagarira abashikiranganji bose bakomoka muri UPRONA kuva muri Reta.
Ku bashikiranganji batatu umugambwe UPRONA wari ufise muri Reta, hasigayemwo umwe wenyene atarerekana aho ahagaze, Victoire Ndikumana, umushikiranganji w’ubudandaji, ingenzi n’amaposita.
Mu gihe Jean Claude Ndihokubwayo, uwariko aravugwa ko ashobora gusubira mu kibanza ca Bernard Busokoza yahakanye ko atarota afata ico kibanza, amakuru ava mu biro bikuru vy’umukuru w’igihugu amenyesha ko ico kibanza cahawe Anicet Niyongabo yahora ari umuyobozi mwishikira mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu. Anicet Niyongabo agenywe kuba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu vy’imfatakibanza mu kurindira ikizova mu badasigana b’umugambwe UPRONA.
Egide Nduwimana
Messages
4 Ruhuhuma 2014, 21:53, par ko
pole sana........
4 Ruhuhuma 2014, 22:15, par Burikumana
Mme Felicitation iyo Action akoze mugihugu nkumurundikazi urerekanye kurumupfasoni wijambo!
uraruse Abiyita abashingantahe ari nabo benshi!
Imana izoguha akazi keza gusumba!
Nigihugu urerekanye kowogitwara,
abandi nibakwirikire!
N takwifatanya kuyobora Igihugu nimbonera hafi kuko ntaho batandukaniye Ninterahamwe!
Felicitation Mme
4 Ruhuhuma 2014, 22:23, par Gihugu
Genda Imanidufashentuzogaruke.
5 Ruhuhuma 2014, 03:12, par Kireko gahutu
Itavyaye inyana ivyara imfizi turindire
5 Ruhuhuma 2014, 03:12, par Kireko gahutu
Itavyaye inyana ivyara imfizi turindire
5 Ruhuhuma 2014, 06:26, par Nelson
Abo nibo bantu tubadushakamugihugu babona ukuri badakurikira amaronko.
5 Ruhuhuma 2014, 07:09, par ####
N’uko bari batratevye kugenda! Mbega bari bemereye iki kuja muri LETa badashigikiye? Ni bavemwo bose hanyuma barindire aho bazotsindira. Murahumiwe ubu ni mwe mwikumiriye: nta n’umwe azovuga ko DD yabimye ubutegetsi. Murayiciriye umuhora, ubu bagiye gukora ico bashatse atacamira, bashire mu ngiro programme atakibasamaza! Ahandi uwutsinze aratwara. Abadede barabishatse birabananira ubu rero muvuyemwo mutuma itegeko rija mu ngiro ritabanje guca no mu Nama Nshingamateka. Ubwenge umenga ntimububuze muraniyunvira neza: un ou deux ministres ne sont pas fondamentales pour gouverner. On peut mettre ensembles plusieurs ministères. D’ailleurs je me permets de donner un conseil à Peter: laisser tomber la substitution avec d’autres et assurer vous -memes l’interimat. Des bons collaborateurs suffisent et vous épargnez quelques salaires destiné à un ministre!
5 Ruhuhuma 2014, 10:46, par Matwi Jean
Ahubwo iyo muba abandi ntimwari kuva muri leta mwari kuva no mu burundi
5 Ruhuhuma 2014, 15:15, par niyonkuru jacke
mupfasoni nihazi genda amahoro, yamara mu bushikiranganji wahora utwara, ngira ntawundi tuzoronka ameze nkawe. erega conciliya wasubiriye we ntacagenda nakimwe, ntanico yari ashoboye. ukugenda kwawe kudusizemwo imvune abo wahora urongoye Imana ize idufashe ugaruke
5 Ruhuhuma 2014, 20:12, par igiti
Ndabakeje abahora ari abashikiranganji mwarabonetse ko muri abapfasoni n’abashingantahe babushitse.Bansumirinda,bampema yuzuye,ngo basigaye bafise abavugizi.Erega Ntimubaronderemwo ubushingantahe ntabwo bigeze murabaza no munzu iwabo ntantahe yariho.
6 Ruhuhuma 2014, 09:44, par alice
Alice Nzomukunda nuko nyene bamuhenze yikura mu butegetsi ngo yerekanye ko akunda igihugu! None ubu arihe? Mwarahenzwe. Igihugu ntigipfakara barabahenze. Iyo muhumayo mukaturabira abo bagabo ivyo bikoza.
6 Ruhuhuma 2014, 10:51, par Kazimvurihise
Naho mwerekanye ubutwari bwanyu, ntakizere twobagirako mugihe mwanse kwifatikanya nabandi Kubera inda zanyu, mugakurikira ubwije bwaraje ikigoyi kumahiri Marie KADEGE. Ibijumbu mwari mwemerewe vyaheze? Bibere isoma n’abandiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiiii