IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushikiranganji mushasha muri Reta y’Uburundi

Umushikiranganji mushasha muri Reta y’Uburundi

vendredi 20 Rusama 2016, par egide

Uwahora arongoye ikigo OBR kijejwe kwegeranya amakori ya Reta, Domitien NDIHOKUBWAYO, niwe yagenwe kuba umushikiranganji mushasha w’ikigega ca Reta y’Uburundi.

Domitien NDIHOKUBWAYO agiye mu kibanza cahoramwo Tabu Abdallah MANIRAKIZA aheruka gushingwa ayandi mabanga yo kuba icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe CEEAC (Communauté Economique des Etats d’Afrique Centrale), risanzwe rifise icicaro mu gihugu ca Gabon, mu gisagara ca Libreville, rikaba rigizwe n’ibihugu cumi arivyo Angola, Burundi, Cameroun, RCA, Congo, RDC, Gabon, Guinée équatoriale, Sao Tomé et Principe hamwe na Tchad.

Domitien NDIHOKUBWAYO, umushikiranganji mushasha w’ikigega ca Reta yagenwe kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu nomero 100/107 ryo kuwa 18 Rusama 2016.

JPEG - 61.9 ko
Domitien Ndihokubwayo, umushikiranganji mushasha w’ikigega ca Reta

Izina ry’uwugiye guca ashikirizwa uburongozi bwa OBR rikaba ritarashirwa ahabona, ariko mu mazina anuganurwa, irivugwa cane akaba ari irya Gabriel NTISEZERANA yahoze ari umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi, akaba kandi yarigeze n’ukuba icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu kuri Reta ya mbere y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.