Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umushikiranganji yasabwe kureka kwisamaza ku bibazo vy’abanyeshure ba (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Umushikiranganji yasabwe kureka kwisamaza ku bibazo vy’abanyeshure ba (...)

Umushikiranganji yasabwe kureka kwisamaza ku bibazo vy’abanyeshure ba Kaminuza

lundi 14 Ndamukiza 2014

Abanyeshure bo mu makaminuza ya Reta basaba umushikiranganji kureka kwiteza utunyoni yongereza ibiringo vy’ukwiyandikisha, nyabuna natorere inyishu ibibazo bafise.

Mu gihe umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi Yozefu Butore yaraye asubiye kwongera ikiringo c’ukwiyandikisha ku ncuro igira gatatu, abo banyeshure n’ubu bavuga ko batarota biyandikisha.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uno wa mbere igenekerezo rya 14 Ndamukiza, abanyeshure baserukira abandi bararahira bakarengwa ko batagiye kwiyandikisha mu gihe ingingo zafashwe n’umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi zitohagarikwa.

JPEG - 435.2 ko
Epitas Ndayambaje (i buryo), hamwe na William Hategekimana (i bubamfu) : Bamwe mu baserukira abanyeshure ba Kaminuza ya Reta n’ishure nderabigisha ENS

Abo banyeshure bariyamiriza kandi inyifato ya bamwe mu bategetsi bo hasi bivanga muri ico kibazo, mbere bagatera ubwoba bagenzi babo bari mu mitumba iwabo. Abo banyeshure kandi bavuga ko batangazwa n’inyifato y’abasanzwe baserukira abanyagihugu aribo bashingamateka, kuko bari mu gacerere ntangere mbere abo banyeshure bakabigereranya nk’uko boba bari mu karuhuko. Abo banyeshure babasaba kwibuka gukurikirana ibibazo vy’ababatoye.

Abo banyeshure basaba amwe mu mashirahamwe ataho yegamiye muvya poritike nk’ishirahamwe PARCEM, OAG na OLUCOME gukurikiranira hagufi ico kibazo c’amafaranga y’agafashanyo, hamwe no guterera agacumu k’ubumwe kugira abo banyeshure basubire ku vyigwa.
Abo banyeshure baserukira abandi barangiza bavuga ko hamwe ata gikozwe mu maguru masha, bagiye guhamvya bagenzi babo bamaze gutaha mu mihana iwabo, baheze bereke abo vyega aribo bavyeyi babo ububi bw’uwo mugambi wo gusubiramwo uko agafashanyo gatangwa, hamwe n’amategeko afatwa gihutihuti atabanje kugishwa inama n’abo yega bose.

JPEG - 1.1 Mo
Bamwe mubari bitavye ico kiganiro

Floxella Karire

Messages

  • Murabantu babagabo komera ahubwo gendemwigishe babatama nabatamakazi barikumitumba hiyo ruguru mubabwire ukuyumugambwe udutwaye kiboro mvyimbe baheze bawusezerere NB:kinokibazo ntikiraba imigambwe nurunani rwimvugakuri.

  • Leta yu burundi ntamahera ifise , aba cndd fdd barayamaze bayiba , biyubakira amazu yabo, birirwa baratembera mumahanga bahenda abazungu ariko bose babakuyeko amaboko, ikigega ca leta kiragaragara, abo banyesule nibatahe barindire amatora ya 2015, haze iyindi leta ishobora kubaha agafashanyo kuko iyi leta tugire dusezerere mu magorwa no mumarushwa yadushizemwo ntaco igishoboye ubu ho ngo iriko itegura ihonyabwoko ryabatutsi na bahutu batavuga rumwe na cndd fdd, arico gituma imfashanyo zose ziva i bulaya na amerika zabaye zirahagarikwa, ubu hasigaye ko abo banyeshure basubira mumihana iwabo ariko bakahagabira cane kuko Imbonerakure zishoba kubagirira nabi naburya ubu zifise ibirwanisho vyo kumara abarundi, arinaco gituma uwufise incuti canke umugenzi yoba araguma aho I Bujumbura akarindira kuko mumitumba imbonerakure ziteguriye gutemagura abantu, namakungu arafise ibimenyetso, arico gituma umurundi wese azi ko atari muri Cndd fdd asabwe kwama agavye ,kuko ivyo cndd fdd iriko irategura birateye uruhagarara mu burundi no mumakungu
    Nkurunziza aratinya kuva kubutegetsi kubera ivyaha namabi yakoreye abarundi murino myaka cumi iheze cane cane abahutu bo muri FNL ya RWASA, na UPD ya Radjabu, na MSD ya SINDUHIJE, ubu rero ntawuzi umugambi afise be nakagwi kamukikuje kagirizwa kwiba amatungo ya leta no kwica bikabije abantu muri 2010, nico gituma amakungu ariko amusaba gusiga iragi ryiza "HERITAGE "", ariko aracanana gato , hasigaye ko agondozwa, arico gituma tumusaba ko kuwa mbere Rusama umunsi mpuza makungu wahariwe abakozi yoshikiriza ijambo ryihumure mbere akanavuga aho ahagazi , mukuvavanura nintumbero yokwitoza ubwa gatatu kandi atabirekuriwe namategeko, mbere abishoboye asabe ukudakwirikiranwa kwiwe amaze kuva kubutegetsi kugira ntazofatwe , birashika uri kubutegetsi ukibagira kuzobuvako ugasanga wakoze amakosa menshi , murico gihe abarundi bomuharira , ariko nkahamwe yonana akanka gushikiriza igihugu uwundi murundi azoba ahiritse ubutegetsi murico gihe ingaruka mbi cane zizoba yororo, hanyuma abone gutahira i LA HAYE, mbere nayamahera yarondera ntazoba akironse umwanya wo kuyanezerwamwo na Denise wiwe na bana biwe, rer kuneza yiwe nimpanuro abantu bamaze iminsi bamuha , nukuri niyigire amarembe tuzomuharira ntakundi yaratwicishije inzara, ariko ntamvura igwa idahita leta yiwe rero niyitegurire kuhava hariko hagera.

  • GUCA IMANZA ZIVYO MUTAJEJWE MWAVYIZE HEHE?

  • Leta irakwiye kwikubita agashi mugukemura ikibaz cabo banyeshure .si non brakey tuhereke abagabo!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.