Accueil > Amakuru > Poritike > Umushikiranganji wa Leta ya Burkina Faso yagendeye inama nkenguzamateka
Umushikiranganji wa Leta ya Burkina Faso yagendeye inama nkenguzamateka
lundi 22 Ndamukiza 2013
Mu rugendo umushikiranganji w’igihugu ca Burkina Faso arimwo mu Burundi, yagendeye inama nkenguzamateka kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 22 Ndamukiza 2013.
Nk’uko yabishikirije, cabaye icirwa ku gihugu ciwe gisanzwe kiriko gitegura ishirwaho ry’inama nkenguzamateka. Bipfuza kurahura ubumenyi mw’ishingwa no mw’itunganywa, kanatsinda ko yashimye ubuhinga bwa none yahasanze.
Umushikiranganji n’abo bagendanye bashatse birabire ibikorwa biharangurirwa, aho mbere bagiye barahabwa insiguro n’abarongoye ibisata batandukanye bigize inama nkenguzamateka y’Uburundi.
Umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi, Gabriel Ntisezerana yamenyesheje ko biteguriye gushigikira igihugu ca Burkina Faso dusanzwe dufitaniye ubucuti, mw’ishingwa ry’inama nkenguzamateka.
Egide Nduwimana
Messages
22 Ndamukiza 2013, 07:34, par didier
Uburundi bwabundi busigaye butanga icirwa mw’ishingwa ry’ayandi ma nama nkenguzamateka? Twateye imbere