IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umushikirizamanza kizigenza asaba ko Urwanda rworungika abamenyeshamakuru (...)

Umushikirizamanza kizigenza asaba ko Urwanda rworungika abamenyeshamakuru bane

mardi 8 Kigarama 2015

Umushikirizamanza kizigenza wa Republika Valentin Bagorikunda asaba umushikiranganji w’ubutungane mu Burundi,gusaba biciye mu nzira z’imigenderanire ko ababijejwe mu gihugu c’Urwanda borungikira ubutungane bw’Uburundi abamenyeshamakuru bane b’amaradiyo yigenga mu Burundi.

Abo bamenyeshamakuru ni Innocent Muhozi arongoye Iradiyo n’imboneshakure Renaissance,Anne Niyuhire umuyobozi wa Radiyo Isanganiro,Patrick Mitabaro ajejwe uruganda rwo kumenyesha amakuru muri Radio Isanganiro hamwe na Arcade Havyarimana umumenyeshamakuru wa Radio Isanganiro.

Abo bamenyeshamakuru bose baronderwa muri dosiye y’urubanza RMPG 696 n’urubanza RMPG 697/MA rujanye n’igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi ryabaye kuwa 13 Rusama 2015.

Abandi bamenyeshamakuru babiri b’iradiyo RPA harimwo umuyobozi wayo Bob Rugurika na Gilbert Niyonkuru umukuru w’uruganda rujejwe kumenyesha amakuru,kuri abo hakiyongerako Patrick Nduwimana arongoye iradiyo Bonesha FM.

Mu mpera z’ukwezi kwa Munyonyo 2015,umushikirizamanza kizigenza wa Republika yari yasavye umushikiranganji w’ubutungane gusaba igihugu c’Ububirigi ko corungika umuyobozi w’ikinyamakuru IWACU Antoine Kaburahe,uwo nawe akaba yararengukishijwe arabazwa mu nyuma ararekurwa.


IGIHE

Messages

  • Bazane bose bakubitwe intahe mugahanga nanje mubampe pe

  • jewe aka kagabo karanshisha.

  • Ahubwo witegure guhurira nabo mubiganiro nimba ubakumbuye,raba ingene gasa,ipuuuuuu ukora uko usa.

  • Nimupfe mwambaye! ahobababazanira mweho ntimwoja kubitorerera? Nukuhatinya canke nukubura itike?

  • Nibaturungikire Vuba Abo Bose Bagomvye Kudusubiza Mw’ihumbi Kuwa 13 Rusama 2015 Mukutwibutsa Amarira Yo Kuwa 21 Gitugutu 1993 Igihe Bagandagura Nyenicubahiro Mélchior Ndadaye!Nibabazane Tubakorereko!Kome

  • Wahennzwekweri Wewe Ukwiyeguhuranasindumuja Kuko Urumuja Warrujongowe Uzohamaramarira Urekurubutunu Tuzobukurayosha Buretse Gato Turaje

  • abaronderera iki?erega ivyobakoze nivyo kuko banka ihohoterwa rya kiremwa muntu.mbega ko adacira urubanza uwishe G.Adolphe...Haaaa!Mana uradufasha jurabe Ko Twosubira iwacu mu Burundi après la 3 Mandat.

  • Mbe Valantino Bagorikunda,ubwo Aribaza Ko Aho Ari Hari Abandi?Ejo Ubwo Niho Azoba Ari Canke Ni Umurima W’intizo?Ko Nzi Atari Itongo Bwegu,ubwo N’aho Uri Umunyamategeko Ubona Umubanyi Canke Inzu Iriko Iramuhirako, Ubandanya Kuwucana Canke Umufasha Kuwuzimya? Nzoba Ndabona Mu Misi Kandi Ntitwibagire Ko Imana Yishurira Ku Gihe!!Ntimwibaze Ngo Ntibibona. Muzotangara!!!!

  • ahubwo uricira ubanza nawewe ugira wewe niwewe wera baragunze ngo nyogokuru numugore nawe bazogucira ugwo gupfa.

  • Erega nukumenya ko bahawe akazi bashonje.
    Gusa abobose bakora amanyanga nukubashira kurutonde bakazokurikiranwa nubutungane .

  • saho abandi baronse iyobaja mweho muzobura niyo munyikira kumabi mwagirizwa. Nimuryohegwe akakanya gato. Maze muzorira igihe kirekire mudafise uwomutirira kumaraso yabarundi nabanyamahanga mwamenye .

  • Mbega ivyo wandika tibigutera isoni canke ugomba kunezeza shobuja nkurunziza sha urwanda wibagire gusaba abamenyeshamakuru mbega Union European barababwira kugurura ayo maradio nawe ngo urafunga mbega uziko Leta murimo itemewe na makugu

  • Nibaze bisigure harigihe hobaharihabantu basanababakoresheje kunguvu bisinguyeneza ubutungane bwu Burundi ntacobuza butabarekura.

  • Ndabonako namwemuriko mukora muja mwiherezo. Ni waheza kubatumako nawe wazogutumako kugira ntuvuge ivyo wakoze nawe ushikirwe bagushimire. Uraraba barya baheruka gushimirwa hafi yo kw’Ijabe bigira ngo bakorera SNR!!!!. vyose twabihinyuye Imana yabavumye muriko musubiranamwo. Ahubwo abarundi nkunda mwosenga Imana y’ukuri.

  • iyo hatumwako abagandaguye umuryango wa Tharcisse
    Mana kiza uburundi Satani yabuboshe

  • Emwe tumenyereye abatumwako babona menshi mabi urwanda rurahtondera mukubarungika

  • Abo bose Ninda Gusa?Bakubwir Ejo Niwantora Buca Ngukiza,bahashits Umugani Waya" Mfyisi Yashiz Umurizo Mugitiba Inzuki Zirawurya,ishiz Kururimi,ati:Nahoburiyo Ubuki Inzuki Ziriyo?"Abo nabo turabaha munyuma tukabiyamamura iyo bibay ngombwa."nitw dutanga tukanyaga"

  • Aboba memyesha makuru babahiga kwiki ?babahora kubera bagiye bashira habona amabi abanyagihugu bariko bakorerwa! nukuri ukwo nukwikura kwagashambara mumakungu nakare baribasazwe bazwi nabi. noneho badakozuko ububi bwabo nti bwomenyekana cane, nonega bifuza ngo bashikirize kabinya kabondo ivuga ibaje kutegekwa ivyivuga? bamenye amaradiyo yi genga si karadio kabondo. URWANDA narwo rusabwa abobamenyesha makuru, batahure urwanda ntirurimwibijuju urimwo abagabo bazigutandukanya urwafu nururo. none Bagorikunda kwada tumako abagandaguye bababikira 3 kobirirwana ngaho basangira ibiyeri? Ehekandi abishe manirumva baririrwana, nabandi beshi bagandaguwe mugabo vyapfiriye mumatohoza ntakakaza. abatangaje ibiriko bikoreka ni bo yabonye kwari babi? nukuri uburundi Imana ya rikwiye kuraba ukobufasha bukaronka abashingantahe bandatinya isture canke igikenye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.