IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Sylvestre NYANDWI : " bahagaritswe hisunzwe uko bitegekanijwe n’igitabo (...)

Sylvestre NYANDWI : " bahagaritswe hisunzwe uko bitegekanijwe n’igitabo c’amategeko"

jeudi 22 février 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma y’umutaga wo kur’uyu wa kane igenekerezo rya 22 Ruhuhuma 2018, Sylvestre NYANDWI , umushikirizamanza kizigenza wa Republika yavuze ko bahagaritswe hisunzwe uko bitegekanijwe n’igitabo c’amategeko agenga ingene imanza z’ivyaha zitohozwa,zikongera zikaburanishwa.

Umushikirizamanza kizigenza wa Republika arabeshuza ibihuha bivugwa ku mbuga ngurukanabumenyi,ko umukuru wa sentare isubiramwo imanza y’i Gitega yahagaritswe kubera yariko yigisha gutora oya mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.

Muri iryo tangazo Umushikirizamanza kizigenza wa Republika, Sylvestre NYANDWI, ariyamiriza kandi insiguro ifise imvo za poritike iriko ihabwa ihagarikwa ry’abo bacamanza ba sentere isubiramwo imanza y’i Gitega, no kubuza igikorwa c’ubutungane co kurwanya kudahana.

JPEG - 133.9 ko
Sylvestre NYANDWI,Umushikirizamanza kizigenza wa Republika

Umushikirizamanza kizigenza wa Republika aheza agabisha abatanga canke abakira igiturire, ko amategeko azokurikizwa.

Umukuru wa sentare isubiramwo imanza ya Gitega hamwe n’umuwundi mucamanza umwe, bahagaritswe kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2018, baca bajanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, i Bujumbura.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Batomore ivyo bagirizwa none ? Umuntu yofatwa akaruhukura mu mpimba atakindi cihishe unyu mmm a ? Ewe Nyandwi aho mwabukatanga twari minsi yurugete

  • Ubutungane bwoba buvuye mu karuhuko gahakwa gukwiza imyaka itatu ? Biragoye kwemera ko ari amategeko ariko arakwirikizwa kuko hari amadosiye menshi ajanye n’ukudahana k’ubwo butungane kwabonetse na cane cane kuva muri 2015. Abantu barabukuyeko umwizero none hageze aho bahindukira ngo nibo babubuza kurwanya ukudahana.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.