Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umushikirizamanza kizigenza asaba kumenyeshwa ubutunzi bwa RPA na Ligue (...)
Umushikirizamanza kizigenza asaba kumenyeshwa ubutunzi bwa RPA na Ligue Iteka
lundi 7 Kigarama 2015
Umushikirizamanza kizigenza wa Republika Valentin Bagorikunda asaba abayobozi b’amabanki hamwe n’abarongoye amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana matomato ko bokwerekana ingene amakonte y’iradiyo RPA n’ishirahamwe ryishinze gukingira agateka ka zina muntu Ligue ITEKA yifashe.
Mw’ikete yarungikiye abayobozi b’amabanki n’abo amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana,kuri uno wa mbere igenekerezo rya 7 Kigarama 2015,Valentin Bagorikunda asaba abo bayobozi gutanga inomero z’ububiko bwayo mashirahamwe kandi bongere berekane uko yagiye arabika canke abikuza amafaranga.
Umushikirizamanza kizigenza wa Republika asaba kandi ko ata muntu n’umwe mu baserukira iradiyo RPA canke Ligue Iteka yosubira gutora amafaranga ku makonte yayo mashirahamwe.
Mwomenya ko ivyo bibaye inyuma y’igihe gito,amakonte y’irindi shirahamwe Maison Shalom nayo ahagaritswe.
Van Naris Mugisha
Messages
7 Kigarama 2015, 18:31, par Bella
Yemwe uwu mugabo vyamuburiye kweri. bakenye nabi kabisa!yamara uyu ni umuvumo kubona igihugu kigeze aho ciba abanyagihugu izuba riva!
7 Kigarama 2015, 18:33, par Bella
Hagukora akazi nkaka wopfuma wicara muhira ukitwa umushomeri vyoguha icibahiro kurusha gukora ibiguteza urubwa.
7 Kigarama 2015, 19:40, par bizoza
uyu mugabo arahumiwe ntazi akazi ashinzwe ariko arahuzagirika muvyo ariko arakora
7 Kigarama 2015, 20:13, par Thierry
Ikighugu Cacu Kiravumw Nne Ga Yemw Tjeh!Ahub Brko Btera Umuvmo Pe!
7 Kigarama 2015, 20:15, par Thierry
Ikighugu Cacu Kiravumw Nne Ga Yemw Tjeh!Ahub Brko Btera Umuvmo Pe!
7 Kigarama 2015, 20:33, par nkdn
komera mutama ntimufate ibihano gusa radion yiswe rpa ntayo dukeneye muburundi yoba yarikivuga abarundi twese tuba tumaze guhunga kuko inkuru itanga iraturira nabari murwanda niyo yatumye bahunga none mbaze iradio nka rpa yigira umucamanza ikindi iradio igira montaje ikavugishabantu yabahinduye amajwi kirya nikinyoma cambaye ubusa ikindi rpa ntiyubaha abategetsi akarorero rpa yavugishije umugore yavuye kumase ngo abeshe ngikimashini camwishe abana ivyo ntibihanwa ikindi kinyoma kiriba ondesi nashaka nsabe senise arya makuru yibinyoma ko boshiraho ibihano ruhasha kubamenyeshamakuru bavuga inkuru zitarizo umumenyeshamakuru ntari hejuru yamategeko sinzi nubu abahaye rpa umurongo uyumvirije worara uhunze iraturira nagira nsabe reta ishireho ibihano kubamenyeshamakuru barengamategeko kuko ivyo bitabaye ntamahoro azobonekaka muburundi nka rpa yari yarihaye inshingano ko izokwimika uwishatse birabaje kubona ubutungane buca urubanza rpa ikarusubiramwo birababaje nagira nsabe reta iduze ivyuma radio yigihugu tuyumv tw
7 Kigarama 2015, 21:03, par kimana armand
Ubwo ntiyotangura we na ba shebuja bos bakerekana ubutunzi bafise baci babanza basigure iyo bayakuye ko tuzi imishahara yabo.
Arateye isoni n,ikigongwe kandi ivyo nta naho bizobashikana.
Aho ni ukuronderera ingorane aho zitari kandi bazi ingorane y,ukuri iyariyo.
7 Kigarama 2015, 21:19, par INTAGOHEKA
AHUBWO NIBAYAHAGARIKE UWUZOKWANKA KUBISIGURA NEZA AZOBAKORANA NABO BAZOCE BAMUTANGA TUMUMESE KUKO TURAZIKO INTUNVA ZAMAHO UMUTI WAZO NUKUZIGORORA
7 Kigarama 2015, 21:20, par INTAGOHEKA
AHUBWO NIBAYAHAGARIKE UWUZOKWANKA KUBISIGURA NEZA AZOBAKORANA NABO BAZOCE BAMUTANGA TUMUMESE KUKO TURAZIKO INTUNVA ZAMAHO UMUTI WAZO NUKUZIGORORA
7 Kigarama 2015, 22:53, par Gérard nirera
vyabaye akayobera bahinga RPA muyagiriza iki abanyagihug turagow pe!
8 Kigarama 2015, 05:06, par Jérôme
uko nikuburigwa kubutetsi
8 Kigarama 2015, 07:05, par maso
urigize akamana kweli. ariko! kazoza kawe ni kabi cane. abakiri bato. n, abataravuka, bazobabwira bati. harabaye. ariko ubwo ni ubumenyi buke. ntabutegetsi bwamaho. ejo uzobura aho uca ndakurahiye.
8 Kigarama 2015, 08:55, par nziko
ndasavye umuntu amaze kubona uyo bagorikunda ambwire ko ari umuntu. jewe aha kw, ifoto sindamubona neza ko asa n, abantu kabisa. n, ukuri uwoba amaze kumubona ndamusavye ambwire ko ari umuntu ameze nk, abandi.
8 Kigarama 2015, 20:10, par NIMWUBAHE INZEGO
Uyo Munyacubahiro Akora Akazi Kiwe!Uko Vyogenda Kwose Kwubaha Birakenewe,nimugarure Agatima K’indero Y’ikirundi!RPA Nimba Ifise Ibiyagira Izohanwa!RPA Yitwaye Nabi Kandi Yaracanishijemwo Abarundi."WANKA KWEMERA UMUTWARE AGUTWARA,AGATWARURA AGUTWAYE AGATWE"
11 Kigarama 2015, 05:57, par Mpozamarira Erias
Uwomugabo Bagorikunda asaba inomero zamakonte ya mashirahamwe haraho vya bonetse iyo ninzira yo kwiba, nuno hataguye kwiba uwitwa umukuru mutoya nawe azogezahe? bigiye kubagora uburyo bazocimanza zibisuma nabo ariyo kazi bakora yokwiba. burya ivyi bano biraroze ntawivye yigeze aronka umugisha, nguhabwa nukwiba ukakwa nukwibwa. jewe namye mvuga ntimuzoba mubona ivyabo bagabo none eeeeee ivyo gutwara vyabataye kuwamazi!!!
11 Kigarama 2015, 09:26, par Irishura François
Nameny kwafash ayaband ejo hazofatwa rwiw kand ntajoro ridaca.