IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umushikirizamanza kizigenza yashinze umurwi w’amatohoza ku bitero (...)

Umushikirizamanza kizigenza yashinze umurwi w’amatohoza ku bitero vyabaye

samedi 19 Kigarama 2015

Umushikirizamanza kizigenza wa Repubulika Valentin Bagorikunda yagenye umurwi w’abantu batatu bazokora amatohoza ku bivugwa ko hoba harabaye ubwicanyi ndengerabutungane inyuma y’ibitero vy’abantu bitwaje ibirwanisho ku makambi atatu ya gisirikare mu gisagara ca Bujumbura.

Mw’itangazo yasohoye ku mugoraba wo kuri uyu wa Gatanu, Valentin Bagorikunda, yamenyesheje ko uwo mugwi w’abashikirizamanza batatu, urongowe na Bucumi Jean Bosco icariho c’umushikirizamanza wa Republika ufise igikorwa co gukora amatohoza kugira werekane uko ubwicanyi bwagenze n’ababuri inyuma hamwe n’uruhara umwe wese abufisemwo.

Valentin Bagorikunda amenyesha kandi ko uwo mugwi utegerezwa kuba watanza icegeranyo mu kiringo kitarenze ukwezi k’umwe ku va kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 18 Kigarama 2015.

Inyuma y’ibitero,umuvugizi wa gisirikare yavuze ko abantu 87 aribo basize ubuzima muri ivyo bitero hamwe n’abasirikare n’abapolisi 8.

Ivyo bitero vyabaye ku wa Gatanu igenekerezo rya 11 Kigarama 2015.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Punuguhuma Amaso Amakungu Mwaramazirakarengane

  • Muzoturabire canecane banyirabayazana aribobarya bagiye gukoza agati muzuki (kurasa inkambi zabashinzwe umutekano)

  • Nihabe amatohoza yigenga atahoyegamiye

  • irambire nyakwubahwa imana iguhe umugisha.

  • Ewe Burundi!!!! Nkaka kagabo kazura amaso nkimpene yimbizo ngo niko kajejwe ijambo mugihugu!!! Uwavuze ko amasiha yinjiye ntiyabeshe. Uwobona amafoto gusa atanico avuze umuntu yoca amenya ko arabicanyi ruhebwa. Emama ngo Nzobonariba, ngo banyamitwe hahaha nayomazina ateye ubwoba. Jewe nzoba ndora.

  • Ze murarabira akarorero ku bandi mureke kugenza umutwe nk’uruyuzi rutazi iyo ruja.

    Rabe Kagamé n’aho atari intungane au moins we nta bantu yirirwa arica uko bukeye uko bwije. Urwanda ruratandukanye cane n’Uburudi aho ata musi uhera ata muntu yishwe.

    Rabe Tanzaniya, umukuru w’igihugu icambere yahereyeko ni ukurwanya ibiturire. Aratandukanye na Nkurunziza yasasiye indava igiturire gushika aho ngirango no guhema umuyaga Imana yaduhaye, aba DD bazohava basaba igiturire Abarundi.

    Koreshe ubwenge Imana yabahaye mwa ba DD kandi murabishobora. Ve ubuzimu muje i buntu.

  • uko je ndabina uburundi bugeze ahatemba . kubw’ abarundi baguma bicwa ataco bazira birababaje. ahubwo forebu n’ikomere , urwaruka muze duhaguruke turwanye umwansi aba dd tubaboze igihugu gisubizwe mumahoro imitima y’abarundi isubire munda. FOREBU KOMERA.

  • At Ndoriyobija, kwubahuka ukavuga nkukwo uvuze ndakurahiye ntuzigera ubironkana umugisha, mbega uraziko Imana wogiraguti ukumva ikubwiyeko utayubaha kubwokubera ayomajambo uvuze kuwomuvyeyi yavyaye abangana naso nanyoko!? Muzemuritondera ututuntu twubuhinga bwanone twikinga inyuma mugihe twodukoresha nabi twozodukwegera akarambaraye kwino Si nokuri rugiravyose data womw’Ijuru. Murambabarira ndarubanzanciye kukotwese tuzobaturi kumurongo umwe mugihe Mushoboravyose azotangura kurobanura imbuto azitandukanya nimiguruka.

  • Wewe Karo, nikw’Isi wokwihangana gatoya ejo ukazoreba ibizoba?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.