Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umushikirizamanza kizigenza yashinze umurwi w’amatohoza ku bitero (...)
Umushikirizamanza kizigenza yashinze umurwi w’amatohoza ku bitero vyabaye
samedi 19 Kigarama 2015
Umushikirizamanza kizigenza wa Repubulika Valentin Bagorikunda yagenye umurwi w’abantu batatu bazokora amatohoza ku bivugwa ko hoba harabaye ubwicanyi ndengerabutungane inyuma y’ibitero vy’abantu bitwaje ibirwanisho ku makambi atatu ya gisirikare mu gisagara ca Bujumbura.
Mw’itangazo yasohoye ku mugoraba wo kuri uyu wa Gatanu, Valentin Bagorikunda, yamenyesheje ko uwo mugwi w’abashikirizamanza batatu, urongowe na Bucumi Jean Bosco icariho c’umushikirizamanza wa Republika ufise igikorwa co gukora amatohoza kugira werekane uko ubwicanyi bwagenze n’ababuri inyuma hamwe n’uruhara umwe wese abufisemwo.
Valentin Bagorikunda amenyesha kandi ko uwo mugwi utegerezwa kuba watanza icegeranyo mu kiringo kitarenze ukwezi k’umwe ku va kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 18 Kigarama 2015.
Inyuma y’ibitero,umuvugizi wa gisirikare yavuze ko abantu 87 aribo basize ubuzima muri ivyo bitero hamwe n’abasirikare n’abapolisi 8.
Ivyo bitero vyabaye ku wa Gatanu igenekerezo rya 11 Kigarama 2015.
Van Naris Mugisha
Messages
19 Kigarama 2015, 19:28, par NEGO
Punuguhuma Amaso Amakungu Mwaramazirakarengane
19 Kigarama 2015, 20:58, par Kirimwabagabo nestor
Amatohoza yanyu turayaz
19 Kigarama 2015, 23:43, par bac.....
Nukonyene
20 Kigarama 2015, 06:10, par K
Muzoturabire canecane banyirabayazana aribobarya bagiye gukoza agati muzuki (kurasa inkambi zabashinzwe umutekano)
20 Kigarama 2015, 08:54, par Bukuru prosper
Nihabe amatohoza yigenga atahoyegamiye
20 Kigarama 2015, 12:12, par habumugisha
irambire nyakwubahwa imana iguhe umugisha.
21 Kigarama 2015, 13:56, par Ndoriyobija
Ewe Burundi!!!! Nkaka kagabo kazura amaso nkimpene yimbizo ngo niko kajejwe ijambo mugihugu!!! Uwavuze ko amasiha yinjiye ntiyabeshe. Uwobona amafoto gusa atanico avuze umuntu yoca amenya ko arabicanyi ruhebwa. Emama ngo Nzobonariba, ngo banyamitwe hahaha nayomazina ateye ubwoba. Jewe nzoba ndora.
21 Kigarama 2015, 18:57, par Karo
Ze murarabira akarorero ku bandi mureke kugenza umutwe nk’uruyuzi rutazi iyo ruja.
Rabe Kagamé n’aho atari intungane au moins we nta bantu yirirwa arica uko bukeye uko bwije. Urwanda ruratandukanye cane n’Uburudi aho ata musi uhera ata muntu yishwe.
Rabe Tanzaniya, umukuru w’igihugu icambere yahereyeko ni ukurwanya ibiturire. Aratandukanye na Nkurunziza yasasiye indava igiturire gushika aho ngirango no guhema umuyaga Imana yaduhaye, aba DD bazohava basaba igiturire Abarundi.
Koreshe ubwenge Imana yabahaye mwa ba DD kandi murabishobora. Ve ubuzimu muje i buntu.
23 Kigarama 2015, 21:52, par KARAHARI
uko je ndabina uburundi bugeze ahatemba . kubw’ abarundi baguma bicwa ataco bazira birababaje. ahubwo forebu n’ikomere , urwaruka muze duhaguruke turwanye umwansi aba dd tubaboze igihugu gisubizwe mumahoro imitima y’abarundi isubire munda. FOREBU KOMERA.
24 Kigarama 2015, 06:48, par Mukristumurugendo
At Ndoriyobija, kwubahuka ukavuga nkukwo uvuze ndakurahiye ntuzigera ubironkana umugisha, mbega uraziko Imana wogiraguti ukumva ikubwiyeko utayubaha kubwokubera ayomajambo uvuze kuwomuvyeyi yavyaye abangana naso nanyoko!? Muzemuritondera ututuntu twubuhinga bwanone twikinga inyuma mugihe twodukoresha nabi twozodukwegera akarambaraye kwino Si nokuri rugiravyose data womw’Ijuru. Murambabarira ndarubanzanciye kukotwese tuzobaturi kumurongo umwe mugihe Mushoboravyose azotangura kurobanura imbuto azitandukanya nimiguruka.
24 Kigarama 2015, 06:51, par K
Wewe Karo, nikw’Isi wokwihangana gatoya ejo ukazoreba ibizoba?