Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umushingamanza Patrick Nitegeka arongoye JRR ntawuzi aho yajanywe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Umushingamanza Patrick Nitegeka arongoye JRR ntawuzi aho yajanywe (...)

Umushingamanza Patrick Nitegeka arongoye JRR ntawuzi aho yajanywe n’igiporisi

lundi 10 Ntwarante 2014

Umushingwamanza Patrick Nitegeka arongoye urwaruka rwa JRR mu gisagara ca Bujumbura, ntawuzi aho ariko arabarizwa n’igiporisi, ariko akaba yajanywe n’umwe mu bategetsi b’igiporisi akuwe ku Mugumya, ahari ingoro y’umugambwe UPRONA.

Uwagira arongore inama, yabonye abamenyeshamakuru, aca aterera ibipapuro mu maso arinyegeza

Ibintu rero bikaba vyagiye gutangura, igihe hagira habere inama muri iyo ngoro, vyavugwa ko yoba yatumweko n’icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nkenguzamateka Posiyano Niyongabo, ariko iyo nama ikitabwa n’urwaruka rusanzwe rucuditse n’umupfasoni Consiliya Nibigira. Muri iyo nama, abarongoye JRR mu makomine y’igisagara ca Bujumbura, bakaba bayitavye, ariko batagira ubutumire, ariko gusanga uwugira ayigirishe batamuzi, ariko guca barahira ko ata n’umwe ayikoresha.

Umushingwamanza Patrick Nitegeka

Inyuma y’impari ndende, umushingwamanza Patrick Nitegeka arongoye urwo rwaruka, yavuze ko atanama ibera muri ico kibanza, kuko atanama yatumyeko, aca asaba aba JRR bose gutaha, bakisubirira mu mihana iwabo, mu mahoro. Ariko siko vyagenze, kuko inyuma y’akanya gato, igiporisi cuzuye ikamyo na zimwe mu miduga zigenderamwo abategetsi mu giporisi baciye bahashika, baca barugariza imiryango yose, gushika yaho n’abamenyeshamakuru bari imbere muri iyo nyubakwa batashoboye gusohoka vyoroshe, ndetse no gukurikirana ayo makuru y’urwo rwaruka, bikaba vyagoranye.

Aba JRR bayoboka inzego za Karori Nditije, bakaba basavye ko indongozi yabo Patrick Nnitegeka agarukanwa, ntajanwe mu munyororo kuko ataco yagirizwa, kandi atan’uwo yatutse. Inama rero ikaba yabandanije ukuri kwamye, igirishwa na bamwe mu bashigikiye umupfasoni Concilia Nibigira. Ariko icagiye gutangaza abamenyesha makuru, akaba ari ukwo, urwo rwaruka rwari rurongoye iyo nama kandi bibonekako rushigikiwe n’amategeko yaguma atangirwa ku materefone, rutashaka ko abamenyeshamakuru barufata amasanamu.

Akanyomoza, akaba ari uwavuze ko ari umunyamabanga wa JRR, hageze ko afatwa isanamu ariko agirisha inama, aca ahitana ibipapuro vyose, avyipfuka mu maso.


Aristide Nizigire

Messages

  • Aho rero gukora ibintu nkivyo uwuo yigira umukuru wa ba jrr yibazako batamuzi naho azoca mwibarabaradusavye uwuzomubona wese azo mufate isanamu hama amutwereketwese tumumenye kuko ntaturye atwihishijemwo nkinda nimba arumugabo nahagarare yemange ivyakora kumugaragaro . Areke gutinya

  • Ndahojeje benewacu muriko muzira ubusa,muri UPRONA,MsD, nabandi bose binzira karengane. N.B pour imbonerakure, nabobabahenda: Impera nimperuka muzobibazwa, akororero kahafi nimugwanda, namwe naho muzoba mwinyegeje mukuzimu muzozugwa mukubitwe intahe murubwo buhanga bwanyu. Imbwa yahihiye kumurizo burakeze tuhereike abagbo. Muzotangara vuba cane.

  • Ivya UPRONA vyabaye akayobera bahinga ariko mubona bozoherera he? Barabe bakemure ibibazo bafise na leta ibafashe biyunge ako kajagari kugira gahere mu gihughu!

  • Usanga ari Imbonerakure!

  • Birateye isoni kuvuga muri iki gihe ko umuntu ari umurundi. Sinkimenya aho tugeze niyo tuja. None ayo samahano. Ngira hamwe bavuga ko bagiye kugabanya abanyoro ahubwo bashaka kurekura intagondwa zimwezimwe maze bazisubirize n’abatemera zaa nyakuri. Ikiryoshe nuko Imana yaremye imvugakuri n’imbunuza, izo nazo ni umuvumo.

  • NDUWIMANA EDOUARD NDAGUSABIYE KUMANA IKUBABARIRE KUVYO URIKO URAKORERA IGIHUGU CACU ARICO RWAWE MUGABO UMENYE YUKO IMANA IDAHERANWA.IKITAZOGUSHIGIKIRA KIZOSHIKIRA UMWANA WAWE CANKE UMUNTU WIWAWE.MUZOBA MUBWIRA

  • BATWA,BATUTSI, BAHUTU bi BURUINDI, ndabafitiye inkuru ishobora kubafasha kumenya impavu harabantu bazabarisuka kugi polisi cigihugu cu Burundi kandibazi ko bidashoboka kobobareka bakikorera ivyobishakiye.
    INKURU NYENIZINA:
    Mubihugu bigize Africa, hariho igihugu kitariko kiranezerezwa nukuntu amoko yabarundi yemeranijeko ategerezwa gusangira ubutegetsi, none icogihugu kikabakiriko kirabona naco bamwe mubanyagihugu baco bomumokoyose bashima ukwabarundi bemeranije gusangira ubutegetsi bisunze amokoyabo bakabonako nabo vyoba nkomuburundi, mbese bagakomeza nokubivuga nomumakungu. Icogihugurero kigomba kurekura amafranga meshi kiyahe bamwe murayomoko yabarundi baze bavyure umudurumbanyo wokwerekana ko harihubwoko bwirukanywe mubutegetsi, bicevyerekana mumakungu ko bimwe vyahayagizwa mu Burundi vyogusangira umutegetsi mu Burundi vyase intumbero yicogihugu niyokugira ntahagire uwusubira kuguma ahayagiza ivyomu Burundi, mutikuberiki icogihugu kigiye gukoresha abarundi bomumoko atandukanye? icogihugu cabonyeko ariho bizokwumvikana ningoga mumakungu. Umvandababwire uwomugambi ubu ubugezekure uwawononye ni Concilia nabobarikumwe, abobatarikumwe nabo mukunzekuzamurabona harya mwibarabara ntimugire ngo bose barazi uwomugambi. Mutiwotubwira igihe uwomugambiwatanguriye? ndacabikurikirana kuko ivyomazekumenya nivyoguhera muri 2010 igihe abataribake bahuga UPRONA yarincuti ikomeye cane numugambwe umukuru wigihugu cu Burundi avamwo, ubucutinabwo umukuru wigihugu cu Burundi yarifitanye numukuru wicogihugu navuze kirikokirashaka gutoba ivyiza vyabarundi rwari rwishi, uburero umukuru wigihugu cu Burundi nuwo wicogihugu ashaka guhenda abarundi bamwe bimaze kuboneka kobitagendaneza, bababarundi bakeya navuze barimwobaremera gushigikira uwushaka kubashigikira gusambura ivyiza vyigihugu cabo, uburero babonyeko boshigikira umugambi Sinduhije yinjiyemwo mumwaka 2010 muruwomwaka niho yawakira ariko azakubura uburyo yobibwira baryabaribahunzebose maze commication hagatiyabo ikagira ivyobadahurizako nibindi bidashoboka kovyosohoka ngobimenywe nabandibose, Sinduhijerero yarabigumije ariko baryabamuyobokabose abeshi ntavyobazi, mugitigiri cabantu babizi, nisunze uwubirimwo kabwabutohozi kandakomeye ukwabivuga ntanabarundi bashika igihumbi babizi ariko ababizi barahamagara abantu bakabitaba ariko bakabahisha uwomugambi, kuko barinzebababwira uwomugambi mubi baziko abeshi bocababavinyuma, murabobantu badashika igihumbi nkukonabivuze ahoharuguru, abeshibava mumigambwe ibiri nkibice 70% IPRONA na MSD, nubwobeshi murabo arabarundi bomubwoko bwabatutsi, bivurwako harimwo nabahutu, ariko hariho iyindimigambwe ifisemwo abemeye gutanga igihugu cabo nogufasha kugira imivurungano ibeho, bikavurwako mugihe vyokunda kobijamuburyo ntanyungu nantoya umurundi wariwewese yaba: UMUHUTU,UMUTUTSI, UMUTWA, AZOVYUNGUKIRAMWO NAGATO, ICOBAZOKWUNGUKA NUKWISABWURIRAKO NKIMPENE, HANYUBA BAKE BAZOZA BARAGENDA BAFATWANEZA MWICOGIHUGU CABAHAYE ABAFARANGA YOKWISAMBURIRAKO NOGUKORERA AMAFUTI IGIHUGU CABIBARUTSE, AYOMAFUTI. ABANDINABO BASIGARE BICUZA NKABAMWE TUMAZIMISI TWUMVA BICUZA KUVYOBASHIGIKIYE KUVYABEREYE MUGIHUGU CAHO HAKURYA YAKANYARU, KUKO AHOBIBAZA BIZOGARUKIRA VYARAHARENZE BISHIKAHABICANE. YUDA NAWE DUSOMA MURI BIBILIYA IYOTUREVYE AMARIRA YARIZE TWIBAZAKO ATARIZI KO YESU BAZOSHOBORA KUBUKORERA KARYAKAGENE, WOMENGO YARIZIKO YARIKURYA ARYAMAHERA NONEHO KUBERA UBUSHOBOZI YEZU AFISE ABABAYONGAYONGANA YAMAHERA AKAYARIRA UBUSA. NAMWE BATUTSI, BAHUTU,BATWA, IVYOMWIBAZA BIJANYE NOKUGAMBANIRA ICABIBARUTSE HARYAMWIBAZA KWARIHO BIZOKWEREKEZA BIZOHARENGA MURIZARE MWIBAZANGO IYONAMENYA! ARIKO ABAJEJWE UMUTEKANO WIGIHUGU BARAHO MUZOHASHIKA BIBAGOYE!!! MFISEVYISHI BIRACAZA...............

  • none uwo yanka kwiyerekana anyeje isura mbi yiwe canke anyegeje umutima mubi wiwe? nimba yiyemeje naje ku mugaragaro tumumenye kuko si kera tuzomumenya kandi tumugaye kuko vyerekana ko ari nsumirinda.

  • Ivyiburundi ntivyoroshe kabisa

  • Wesha wiyita BUGABOBURIHABWA reka gutuka izina sha.ncandakuubona icugamije.ubwicanyi nimubugirire abatabasubiza nkabarya batamakazi bahohoterwa bativuna,umuvyeyi numwe wewe mama wawe ga wa mupolise bomugira kurya woguma uhoze reka ntidusinziriye iyoturi hose tubashinze amaso. akarorero:KINIGI mumwagiriziki?aba jrr mubagiriziki?reka intahe ibakubite mugahanga.Imbonerakure zo nizihendwe zizofatwa nkazanterahamwe zamara abatutsi batabivuna bi rwanda,n’inzoya zikivuka.

  • Niho abantu benshi bagize amahirwe bagasohoka igihugu c’uburundi bihindura akabira kuko kwitwa umurundi kuko kwitwa umurundi umengo muriki kigihe ninkigitutsi.

  • MUBUKARANGA NATWE TURI MUSI Y,URUJO!.NTAMUTARU MUZODUTARUKANA,SHAKA MUGEZAHO,KUKO IGIHUGU PRESIDANT NKURUNZIZA ARIKO AKIYOOOBORA NEZA CAAANE,MBERE NOMURI 2015 TUZOSUBIRA KUMWIZERA TWEBWE ABARUNDI,NACANECANE ABANYAMUGAMBWE WACU CNDD-FDD,HAMA MUZOTERE IYO NTAMBARA IBARI MUMITWE YANYU,TUZORABE ICO MUSHIKAKO.CNDD- FDD rambaaaaaa,PRSIDANT NKURUNZIZA TOGWA 99,5%MUMATORA TWIMIRIJE YA 2015.NB:ubutegetsi butangwa n,IMANA,ibicishije kubarundi dukunda igihugu.kirazirav gushaka kwihagira ubukuru rero ,MIMUTEKEREZE MUYOBOGWE MUMAHORO.

  • edouar nduwimana imana niimwakire vuba nubugaba bwiwe kuko yaturambiye vraiment

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.