IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umushingantahe Tegera:’’Iminsi mikuru ikorwa n’umugambwe CNDD-FDD (...)

Umushingantahe Tegera:’’Iminsi mikuru ikorwa n’umugambwe CNDD-FDD yogabanywa!’’

jeudi 28 Myandagaro 2014

Inyuma y’icigwa catanzwe ku bijanye n’iminsi mikuru ihimbazwa ijanye n’ubuzima mu Burundi, umukenyezi w’Umushingantahe Tegera Caterine abonako iminsi mikuru ikorwa n’umugambwe uri ku butegetsi yogabanywa kuko "Umwera uva ibikuru ugakwira hose".

JPEG - 40.3 ko
Terence Mbonakubuca na Gaudence Ngendakuriyo

Umugambi wo gukundisha igihugu (Formation Patriotique) ubandanya utanga ibiganiro bitandukanye. Ku cigwa catanzwe n’umukenyezi w’umushingantahe Gaudence Ngendakuriyo citwa " Uguhimbaza Iminsi Mikuru Bijanye n’Ubuzima mu Burundi", abari bitavye inyigisho bagarutse ku minsi mikuru ikorwa n’umugambwe CNDD-FDD (indwi yahariwe umurwanyi), n’ibikorane bitegurwa n’umukuru w’igihugu) n’iyindi minsi mikuru ikorwa ku rwego rw’igihugu( umunsi mukuru w’amakomine) ko nayo iri mu bigabanya ubutunzi bw’igihugu n’imiryango, kandi itajanye n’imico n’akaranga k’Uburundi.

Umukenyezi w’Umushingantahe Tegera Catherine abona ko imanza nk’izo zogabanywa kuko haraho zishusha n’imyiyamamazo, nk’ibikorane ntivyorinze gutwara uburyo kuko amasengesho ashobora kubera mu masengero atandukanye, ku butumwa bumwe. Umushingantahe Tegera Catherine abona ko umunsi mukuru w’umurwanyi uhimbazwa n’umugambwe CNDD-FDD utarukwiye kubaho, canke bashatse kwigina ko barokotse ku rugamba, bakaraba ukundi kuntu bowuhimbaza badaciye ku rwego rw’igihugu ahubwo bokwiga uko ata murwanyi yosubira kuvugwa, ahubwo hagahimbazwa umurwaneza. Catherine avuga ati:"Umwiza uva i bukuru ugakwira hose".

JPEG - 62 ko
Umushingantahe Tegera Catherine

Mwomenya ko ico cigwa ca Gaudence Ngendakuriyo catanzwe imbere y’uwurongoye umugambi wo gukundisha igihugu naa bamwe mu baserukiye imigambwe, abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, abashingantahe n’abamenyeshamakuru.

JPEG - 40.3 ko
Terence Mbonakubuca na Gaudence Ngendakuriyo

Cherif Nkeshimana

Messages

  • BIRABABAJE NKO KUBONA GUSHIKA UNO MUSI HARIHO UMUNTU ABA MU BURUNDI ATARAMENYA CANKE ATEMERA ICO UMURWANYI YAMAZE,CANKE NGO AKENGURUKE AHO UMURWANYI YADUSHIKANYE MURI IKI GIHUGU.UNO MUSI NAHO UMUGWANYI ATA JAMBO AFISE MURIK’IGIHUGU,NAHO BAMWE BAMWE BIVYIMVYA BABONA UMU DEMOBILISE UKAMENGO N’AKABWA,BAMENYE KO AYO MANYAMA BAYAGIRA KUBERA KO BITANZE BARAHEBA ABABO N’IVYABO.

  • NUKO BAFISE UMWANYA WOGUTA!INYIGISHO ZOGUKUNDA AMAHUGU!ego da!ahaa!

  • Abarundi mutegerezwa kugira ubwenge. Abantu nka BA Mugwengezo, Leonce , Bamvuginyumvira nabandi ce sont des gents tres dangereux pour Le pays. Ils sont capable de tout faire, de collaborer avec n’importe qui kugira gusa bashike ku butegetsi. Naho bobumarako isaha. Iyabaye muri kahise, kuri benabo aho hakurya bahejeje guhemuka nta nakimwe bibabwira. Mwarumvise AMA nonsenses adendekeranya Mugwengezo yavugiye kuri Rpa" abaduserukira" ubushize?

  • Mubimenye mubimenyerenta Mushingantahe w’Umugore yabayeho,ntawuriho,ntan’uwuzokwigera abaho!!!!INKOKOKAZI NTITANGA............!!!!!!!!!!??????tutemera Consilie NIBIGIRA gusawewe yagarukiy’agateka k’umututsi uwariwe weeeeeeese atar’Umuhima kandi adaturuka muntara yaBururi, kuko hariya nta Muhutu waho nta Mututsi waho,nta Muhima cank’umutwa nibamwe booooose baraciye barahana maze baratwibagira,reka Tanzanie’aba ba DD kuko bobo IMIRAZI ISUMBA GUHUMA

  • @kaheze uri kaheze koko?ayo macakubiri yintara ufise ?aba DD bagushizemwo ubona ariyongorane uburundi bufise ubu ;bakubariye imisi mikuru yaba dd kwitakenewe.nivyo sivyo kuriwewe?umusi mukuru wabagwanyi koko naba dd bangwanye bonyene??kuri wewe urukenewe ??uri kaheze dd

  • Yaboye icokuvuga kocohagarara kwari misimikuru? canke yari kubwira nka RPA ikagabanya inkuru zokudambikanya barementanya ngo bavugishije aba Congomani ngobavuzeko babonye abasoda babarundi Congo kandimuvyukuri arabarundi bigize aba congomani muntumbero yokwifuriza ko uburundi bwoba ruvumwa kw’Isi yose kukomuribuka kowarumugozi umwe nabaribarungitse urwete muri UNE abobose ndabita Baniwankabimeneke nizina ryibatisimu ryitwa’ Batemigitibicayeko!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.