Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urwaruka rugiye kwigishwa uko imigambi yarwo yotunganywa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Urwaruka rugiye kwigishwa uko imigambi yarwo yotunganywa

Urwaruka rugiye kwigishwa uko imigambi yarwo yotunganywa

lundi 10 Munyonyo 2014

Umushiranganji w’abakozi n’akazi yatanguje ibikorwa vyo kwigisha urwaruka ingene rwoshobora guteza imbere imigambi yarwo uko iri kwose. Imigambi kenshi yicwa n’ukutamenya kuyitunganya, nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji Annonciate Sendazirasa.

Annonciate Sendazirasa yuguruye uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro kwishirwa mu ngiro ry’umugambi ufise ihangiro ku ntumbero"Tunganya neza imigambi yanyu" canke GERME : Gerer Mieux mon Entreprise". Uwo mugambi ufise intumbero yo gufasha abafise imigambi bamaze gutanguza canke bariko baratanguza (les entrepreneurs) kumenya zimwe mu nkingi zishobora kubafasha gukomeza imigambi yabo no kuyiteza imbere, maze hakaba gutanga akazi ubukene bukaganuka cane cane mu rwaruka.

Umugambi watanzwe n’ibiro mpuzamakungu vy’akazi (Bureau International du Travail) biciye mw’ishirahamwe PRODEFI (umugambi wihaye intumbero yo guteza imbere ibisata) mu ntumbero yo kugwiza akazi ku rwaruka rwo hagati mu gihugu rwaba urwize canke urutize. Umugambi watanguriye mu ntara za Bubanza na Ngozi, urwaruka rwo muri izo ntara rwarigishijwe inkingi zishigikira umugambi:"ikidandazwa, ikiguzi, ikibanza n’ihayanishwa. Izo nkingi zine basanze zihererekana, bisigura ko nk’umudandaza adashobora gusimbira ku kidandazwa atabanje kumenya igiciro caco canke yiyumvira ikibanza ataramenya ico azohadandariza.

Kubera basanze imigambi yicwa n’ukutamenya uko itunganywa, ni muri iyo ntumbero yo kuraba ko inyigisho catanzwe zagize akamaro mu ntara umugambi GERME watanguriyemwo, hategekanijwe urugendo ruzogirwa mu ntara ya Bubanza. Mu nyuma umugambi uzokwiragizwa mu ntara zose z’igihugu.

JPEG - 126.4 ko
Annonciatte Sendazirasa

Umushikiranganji w’abakozi n’akazi Annociate Sendazirasa asaba n’ubundi bushikiranganji ko bwofasha mu gushiraho imigambi ifasha kurwiza ubuzi ari naryo soko ryo kurwanya ubukene buhanze urwaruka mu Burundi.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Murakoze cane,jewe ico nobivugako kubijanye nukwigisha urwaruka muntumbero yuko rwokwiteza imbere n’abashomeri bakagabanuka,jewe nuko atabakwe noronka yokwitaba izo nama,ariko nuko tutanamenya iyo zitegurirwa,ariko ivyo twoshikiriza birahari vyinshi,ni nayo mpamvu jewe ubwanje ndi mubafashe intumbero yo kurwanya gusama imbanyi ku rwaruka ndabicishije mwishirahamwe ndongoye:Association TWIKEBUKE,tunigisha urwo rwaruka kuja mubikorwa vyo kwiteza imbere muntumbero yo kurwanya gusama imbanyi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.