Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umusi mukuru w’intama usigura iki kubari mw’idini rya Islam? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Umusi mukuru w’intama usigura iki kubari mw’idini rya Islam?

Umusi mukuru w’intama usigura iki kubari mw’idini rya Islam?

mardi 15 Gitugutu 2013

Umunsi mukuru w’intama wibutsa abo mw’idini rya Islam, umunsi Aburahamu yagira atange inkuka y’umwana wiwe w’ikinege Isaka, Imana igaca imubuza maze ikamurungikira intama ngo abe ariyo atanga ko ikimazi.

Ikinyamakuru IGIHE cayaze n’umwe mu basilramu aho bari guhimbaza umusi mukuru w’intama, mu kigo c’abasilamu aho bita kuri Centre culturel Islamique. Ku bwa Shabani umwe mu basiramu bo mu gisagara ca Bujumbura, atumenyesha ko umunsi mukuru w’intama ari umunsi uhambaye kw’idini rya islm kuko ari umunsi bibuka aho Aburahamu yagira atange umwana wiwe w’ikinege Isaka, Imana igaca imurungikira intama abe ariyo atanga ko inkuka, mu gishingo ca Isaka. Ivyo rero bisigura ko Aburahamu yagomvye guha Imana ikintu afise c’agaciro kubera urukundo yakunda Imana, vyerekana kandi urukundo n’ikigongwe Imana ikunda abantu. Aho rero umuntu wese ahamagariwe gukunda Imana cane cane, gukunda mugenzi we nk’uko yikunda wenyene, iyo akaba ari inkingi imwe muri zitanu (5) zigize idini rya Isilamu.

Tumubajije igituma aba isilamu isinzi baja i Maka yishura, ati:" Iyo biba ari ibishoboka twese tuba tujayo kuko n’ukurangura rimwe mu nkingi zitanu (5) zigize idini rya Islam, ariko aho turi hose tuba twifadikanije n’abagiyeyo".

Kuri uyu musi aba siramu basaba abarundi bose guharanira amahoro n’urukundo mu gusangira ivyo bafise n’ababanyi babo no mugufasha ba ntahonikora nk’uko idini ribigisha, muri bibiri bafise kimwe ari ic’abatishoboye.


Chérif Nkeshimana

Messages

  • Nta munsi mukuru w’intama ubaho. Intama yogira umunsi mukuru gute kandi ar’umunsi wo kuzihonya? Har’umunsi mukuru wo gufungur’intama gusa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.