Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umusi ubaye ugira kabiri Nelson Mandela ari mu bitaro
Umusi ubaye ugira kabiri Nelson Mandela ari mu bitaro
vendredi 29 Ntwarante 2013
Uyu numusi ubaye ugira kabiri uwahoze arongoye afirika y’epfo yinjiye ibitaro,akaba ariko avurirwa mubitaro bitaramenyekana aho ariko avugwa ingwara y ‘amahaha.
Ku wa kane ku muhingamo ibiro vy’umukuru w’igihugu ca afirika y’epfo vyamenyesheje ko ariko aratora mitende, ntakindi barengejeko kuvyerekeye amagara yiwe.
Leta ya afirika y’epfo isaba abamenyeshamakuru kutinjira mu buzima bwa Mandela bareke abaganga bakore akazi kabo. Umukuru w’igihugu ca leta zunze ubumwe z’amerika Barack Obama amenyesha ko atewe amakenga cane n’amagara ya Mandela.
Jacob Zuma yasubiye guhamagara abanyafirika y’epfo bose gusengera Mandela n’umuryango wiwe kandi ko yizeye ko abaganga bazokora ibishoboka vyose kugira amagara yiwe asubire kumera neza.
Tubibutse ko yinjiye ibitaro mw’ijoro ryo ku wa gatatu rishira uwa kane bivuye kungwara y’amahaha, ubu akaba afise imyaka 94 y’amavuko.
Irambona Dorine